Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Umubano w’ababiranye

Umubano w’ababiranye

Umubano w’ababiranye kwoba ari ukubana gusanzwe kw’abantu babiri?

“Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”Matayo 19:6.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imana ibona ko umubano w’ababiranye atari ukubana gusanzwe kw’abantu babiri. Ni ikintu ceranda gihuza umugabo n’umugore. Bibiliya ivuga iti: “Kuva mu ntango y’irema, ‘[Imana] yabagize umugabo n’umugore. Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’ . . . Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.” *Mariko 10:6-9; Itanguriro 2:24.

Imvugo ngo “ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe [canke yafatanije],” ntisobanura ko Imana ari yo igenera umuntu uwo bazokwubakana. Ahubwo, kuba Bibiliya ivuga ko umubano watangujwe n’Umuremyi wacu, birashimika ku kuntu ukubana kw’umugabo n’umugore ari ikintu kidasanzwe. Abubakanye babona ibintu gutyo, umubano wabo babona ko ari mweranda be n’uko ari uw’ibihe vyose, ivyo bikaba bikomeza umwiyemezo bafise wo gutuma umubano wabo uroranirwa. Igihe barondera kuyoborwa na Bibiliya kugira ngo barangure amabanga bajejwe bwa mugabo n’umugore, baba bongereje amahirwe yo kuroranirwa.

 Umugabo afise uruhara uruhe?

“Umugabo [ni] umutwe w’umugore wiwe.”Abanyefeso 5:23.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Kugira ngo bigende neza mu muryango, hategerezwa kuba uwufata ingingo ya nyuma ku bintu vyo mu muryango. Bibiliya ishinga iryo banga umugabo. Mugabo ivyo ntibimuha uburenganzira bwo kuba uwutwaza umukazo n’agacinyizo. Bibiliya ntirekurira umugabo kwinyusha amabanga ajejwe, ivyo bikaba vyotuma umukenyezi wiwe atamuha icubahiro bikongera bigatuma aremeka umugore wiwe umuzigo udakenewe. Ahubwo Imana yiteze ko umugabo akora cane kugira ngo aronse umugore wiwe ivyo akeneye akongera akamutera iteka, we mugenzi wiwe somambike kandi yizigira kuruta abandi bose. (1 Timoteyo 5:8; 1 Petero 3:7) Mu Banyefeso 5:28 havuga hati: “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.”

Umugabo akunda umugore wiwe vy’ukuri arashima ivyo ashoboye gukora be n’ubuhanga afise akongera akarimbura ivyiyumviro vyiwe abigiranye icubahiro, na canecane mu bintu bishobora kugira ingaruka ku muryango. Ntakwiye gushimika ku kuntu we abona ibintu kubera gusa ari we mutwe w’umuryango. Igihe Aburahamu wa mugabo yubaha Imana yanka kwumvira impanuro nziza y’umukenyezi wiwe ku kibazo cari mu muryango, Yehova Imana yabwiye Aburahamu ati: “Umviriza ijwi ryiwe.” (Itanguriro 21:9-12) Aburahamu yarabigize yicishije bugufi, bituma umuryango wiwe urangwamwo amahoro n’ubumwe, barironkera n’imihezagiro y’Imana.

Umugore afise uruhara uruhe?

“Bagore, . . . muyobokere abagabo banyu bwite.”1 Petero 3:1.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Imbere y’uko Imana iremera umugabo wa mbere umugore, yavuze iti: “Si vyiza ko uyu muntu aguma ari wenyene. Ngiye kumukorera umufasha bikwiranye.” (Itanguriro 2:18) Imana rero ntiyaremye umugore ngo abe cokimwe n’umugabo canke ngo ahiganwe na we, ahubwo yamuremye kugira ngo abere umugabo umwunganizi. Bari kumwe, bari gushobora kurangura igikorwa bari bashinzwe n’Imana co kwibaruka no kwuzuza isi uruvyaro rwabo.—Itanguriro 1:28.

Kugira ngo umugore ashobore kurangura urwo ruhara, Imana yamuhaye umubiri, ubwenge n’inyiyumvo bikwiranye neza. Ivyo bintu iyo abikoresheje neza mu buryo buranga urukundo, araterera ikintu gihambaye ku kuroranirwa kw’umubano wiwe, agatuma n’umugabo wiwe ahimbarwa kandi agatekana mu mutima. Imana ibona ko umugore ameze gutyo abereye gushimagizwa. *Imigani 31:28, 31

^ par. 5 Bibiliya iremera ko umugabo n’umugore bahukana bivuye ku kurenga ibigo.Matayo 19:9.

^ par. 14 Abubatse barashobora kuronka ivyiyumviro ngirakamaro bijanye n’umubano be n’ubuzima bwo mu rugo mu kiganiro cama gisohoka muri Be maso! kivuga ngo “Icofasha umuryango.”