Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nitaho ibintu ukungana iki?

Nitaho ibintu ukungana iki?

 Niwisuzume!

  •  Noba ndi . . . igihe cose, kenshi, rimwe na rimwe, canke nta na rimwe

    •  inzirabugunge

    •  umwizigirwa

    •  umuntu adacerwa

    •  umunyamwete

    •  umunyarutonde

    •  umuntu afasha abandi

    •  umuntu atarenganya

    •  umuntu yubaha abandi

    •  umuntu yitwararika abandi

  •   Ni kamere iyihe muri izo ugaragaza cane gusumba izindi?

     Komera kw’ibanga muri uwo muce.​—Abafilipi 3:​16.

  •   Ni kamere iyihe ukeneye kuryohora cane gusumba izindi?

 Amakuru akurikira azogufasha kugira ivyo uryohoye muri uwo muce.

 Kuba umuntu yitaho ibintu bisigura iki?

 Abantu bitaho ibintu bararangura ivyo bajejwe i muhira, kw’ishure no mu kibano. Barazi ko bazogira ico babazwa ku vyo bakora. Ku b’ivyo, iyo bakoze ikosa, bararyemera, bagasaba imbabazi kandi bakihatira gutunganya ivyononekaye.

 Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—Abagalatiya 6:5.

 Ni kubera iki nkwiye kurondera kuba umuntu yitaho ibintu?

  Umuntu yitaho ibintu arakoresha ubuhanga bwiwe abigiranye ubukerebutsi kandi birashoboka rwose ko yubahwa cane, agafatwa nk’umuntu akuze kandi agahabwa umwidegemvyo n’amabanga.

 Bibiliya ivuga iti: “Mbega uramaze kwitegereza umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Imbere y’abami ni ho azohagarara.”​—Imigani 22:29.

  Umuntu yitaho ibintu akenshi usanga akunda gutanga kandi birashoboka rwose ko agiranira ubugenzi bwiza n’abandi.

 Bibiliya ivuga iti: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.”​—Luka 6:​38.

  Umuntu yitaho ibintu arumva ko hari ico ashikako kandi arumva yishimye, ivyo bigaca bituma yumva ko ari n’ico amaze.

 Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene.”​—Abagalatiya 6:4.

 Noshobora gute kurushiriza kuba umuntu yitaho ibintu?

 Kugira tugufashe kwishura ico kibazo, raba ibintu bikurikira vyavuzwe. Ni ibihe bidondora neza ukuntu wiyumva?

 “Nta kibabaje nko gufatwa nk’umwana, uwurinda kuvuga iyo agiye hose!”​—Kerri.

 “Akenshi abavyeyi banje barandeka nkasohokana n’abagenzi banje ata ngorane.”​—Richard.

 “Igihe ndavye abandi bana tungana maze nkabona ivyo bakora, nca niyumvira nti: ‘Mbega kubera iki abavyeyi banje batandeka nanje ngo nkore nk’ivyo?’”​—Anne.

 “Mu bisanzwe abavyeyi banje barandeka nkakora ivyo nshaka. Ndabashimira kubera bampa uwu mwidegemvyo mfise.”​—Marina.

 Ico twoshikako: Abakiri bato bamwebamwe barahabwa umwidegemvyo mwinshi kuruta abandi. Ni igiki gituma ibintu bigenda gutyo?

 Ico womenya: Urugero rw’umwidegemvyo uhabwa akenshi ruvana n’urugero ugezako mu kwizigirwa.

 Nk’akarorero, raba ivyo babiri mu bakiri bato bavuzwe aho hejuru bavuga.

 Richard: “Abavyeyi banje barigeze kuba bafise amakenga ku bijanye n’ukuntu nkoresha umwidegemvyo naba mfise. Ariko ubu baranyizigira kubera ko nakoresheje umwidegemvyo wanje mu buryo buranga ko nitaho ibintu. Simbesha abavyeyi banje igihe ndababwira iyo ngiye be n’abo tujanye. Mu bisanzwe, nama mbwira abavyeyi banje ico mba ntegekanya gukora batarinze kumbaza.”

 Marina: “Mu buzima bwanje bwose nabeshe abavyeyi banje incuro zibiri, kandi kuri izo ncuro zose barampinyuye. Kuva ico gihe, nama mbwiza ukuri abavyeyi banje. Nk’akarorero, nama ndababwira ivyo ndiko ndakora ido n’ido, kandi iyo atari ho ndi ndabaterefona. Ubu bararushirije kunyizigira.”

Ni igiki ushira imbere? Ibikorwa vyo muhira canke kwiruhura?

 Woba woshima gufatwa nka Richard na Marina? Niwisuzume rero muri iyi mice:

I MUHIRA

  •   Woba ukora ibikorwa ushingwa muhira ukabirangiza?

  •   Woba wubahiriza isaha wahawe yo gutahirako?

  •   Woba wubaha abavyeyi bawe n’abo muvukana?

 Ni ibintu ibihe ukeneye kuryohora muri ivyo?

 Bibiliya ivuga iti: “Mugamburukire abavyeyi banyu.”​—Abanyefeso 6:1.

KW’ISHURE

  •   Woba uheza ku gihe udukorwa uhabwa gukorera i muhira?

  •   Woba uriko urihata kugira urushirize kuronka amanota meza?

  •   Woba ufise porogarama nziza yo kwiga?

 Ni ibintu ibihe ukeneye kuryohora muri ivyo?

 Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi bu[ra]kingira.” (Umusiguzi 7:​12) Kwiga neza bizogufasha kurushiriza kugira ubukerebutsi.

UKUNTU UZWI

  •   Woba ubwiza ukuri abavyeyi bawe be n’abandi bantu?

  •   Woba ushobora gukoresha amahera mu buryo buranga ko witaho ibintu?

  •   Woba uzwi ko uri umwizigirwa?

 Ni ibintu ibihe ukeneye kuryohora muri ivyo?

 Bibiliya ivuga iti: ‘Mwambare wa muntu mushasha.’ (Abanyefeso 4:​24) Urashobora kuryohora kamere zawe be n’ukuntu uzwi.

 Inama tukugiriye: Nuhitemwo umuce ukeneye kuryohora. Nuganire n’abandi bavyifatamwo neza muri uwo muce maze wumve inama bakugira. Niwandike ibintu binaka uzokora mu kuryohora iyo kamere, maze uko haciye ukwezi uze urasuzuma aho ugejeje. Nuze urandika mu gakaye ivyo washoboye kuryohora be n’intambamyi wagize. Ukwezi kurangiye nurabe aho ugejeje.