Ja ku birimwo

Akaranga

Uri nde? Ni ibiki uha agaciro? Kwimenya bituma ushobora kuyobora ubuzima bwawe aho kureka ngo abandi babe ari bo babuyobora.

Uko meze

Ndi nde?

Kumenya ingingo wisunga, ivyo ushoboye, ivyo udashoboye n’imigambi ufise bizogufasha gufata ingingo nziza igihe wohejwe nabi.

Ndi nde?

Kumenya inyishu y’ico kibazo birashobora kugufasha gutsinda ingorane.

Ni ibiki nokora kugira noroherwe no kuyagisha abandi?

Raba ibintu bitatu bishobora kugufasha gutanguza ikiyago no gutuma kibandanya.

Kuki noba maso ku bigeme berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 1: Vyerekeye abakobwa

Benshi mu biyumvira ko bariko berekana uko bameze usanga bariko bigana abandi gusa.

Kuki noba maso ku bahungu berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 2: Vyerekeye abahungu

Kwigana ukuntu abahungu berekanwa mu binyamakuru bameze vyoba bituma abandi batagushima?

Nitaho ibintu ukungana iki?

Abakiri bato bamwebamwe barahabwa umwidegemvyo mwinshi kuruta abandi. Ni igiki gituma ibintu bigenda gutyo?

Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?

None kubesha nta nyungu birimwo?

Woba uri imvugakuri?

Niwisuzume biciye kuri uwu mwimenyerezo ugizwe n’ibice bitatu.

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.

Ivyogufasha kwemera gukosorwa

Guhanurwa canke gukosorwa bishobora gute kugufasha n’igihe biba bibabaza?

Nomenyereza gute ijwi ryanje ryo mu mutima?

Ijwi ryawe ryo mu mutima rirerekana ukuntu umeze be n’ivyo ubona ko bihambaye. Ijwi ryawe ryo mu mutima rihishura iki ku bikwerekeye?

Noba ninuba abandi?

Agatima ko kwinubana karandukiye abantu kuva kera. Raba impanuro Bibiliya iduha zogufasha kukirinda.

Noba ndondera ko ibintu vyose biba ibitunganye?

Wokwerekana gute itandukaniro riri hagati yo gukora uko ushoboye kwose no kurondera gukora ivyo udashoboye?

Niwirinde agatima ko kurondera ko ibintu vyose biba ibitunganye

Umwimenyerezo ugufasha kutitega ibirenze urugero kuri wewe ubwawe no ku bandi.

Kumenyekana ku mbuga hwaniro hari ico vyokumarira?

Hari abantu bamwebamwe bashira ubuzima bwabo mu kaga kugira baronke abantu benshi babakurikirana kandi bakunda ivyo bashira ku mbuga hwaniro. Kurondera kumenyekana bikumarira iki?

Nokora iki kugira ndeke kubaho ubuzima burimwo tubiri?

Ibintu bine wokora kugira uhebe iyo ngeso.

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

Akosho k’urunganwe karashobora gutuma abantu bameze neza bakora ibintu bibi. Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye ako kosho, kandi wogatsinda gute?

Nonanira gute akosho k’urunganwe?

Raba ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kugufasha kuroranirwa.

Nunanire akosho k’urunganwe!

Raba ibintu bine bishobora kugufasha kwirinda agakuku.

Nohitamwo gute umuntu yombera akarorero keza?

Umuntu w’intangakarorero arashobora kugufasha kwirinda ingorane, gushika ku migambi yawe no kuroranirwa mu buzima. None wokwigana umuntu ameze gute?

Ingene wohitamwo umuntu yokubera akarorero keza

Uwu mwimenyerezo urashobora kugufasha guhitamwo uwo wokwigana.

Ivyo nkora

Kubera iki nkwiye gufasha abandi?

Gukorera abandi ivyiza birakugirira akamaro n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwo buryo ni ubuhe?

Ico wokora mu gufasha abandi

Abantu ushobora gufasha bari hafi yawe. Ibi vyiyumviro wokwifashisha birerekana ibintu bitatu bisanzwe wokora mu gutangura.

Nokwifata gute igihe nakoze ikosa?

Twese turakora amakosa, ariko si twese twigira ku makosa yacu.

Nonanira gute ibigeragezo?

Raba ibintu bitatu bihambaye wokora kugira unanire ivyipfuzo bibi.

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.

Uko nsa

Mboneka gute?

Raba ingene wokwirinda amakosa atatu mu yakunda gushika ku bijanye n’inyambaro.

Nusuzume ukuntu uboneka

Ibi vyiyumviro birashobora kugufasha kuboneka neza.

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’ukuntu umuntu angana ku mubiri

Ni kubera iki bishobora kubera urugamba abakiri bato kuguma babona neza ukuntu baboneka? Ni igiki cofasha?

Kubera iki ndazwa ishinga n’ukuntu mboneka?

Raba ingene wocungera ukuntu wiyumva.

Woba urazwa ishinga cane n’uko usa?

Nimba udashima uko usa, ni igiki wokora kugira ubone ibikwerekeye ku rugero?

Kuki ntashima uko nsa?

Woba wumva wiyanse igihe wiravye mu kiyo? Ni ibiki woryohora utarinze kurenza urugero?

Noba nkwiye kugirisha tatuwaje?

Ni igiki cogufasha gufata ingingo nziza?

Banza wiyumvire imbere yo kugirisha tatuwaje

Ubona gute tatuwaje y’amajambo yo muri Bibiliya?