Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Noba ndazwa ishinga cane n’uko nsa?

Noba ndazwa ishinga cane n’uko nsa?

 Umwimenyerezo: Vyoba bindaza ishinga cane?

  1.   Ni ikihe muri ibi kidondora neza ukuntu wiyumva?

    •  Sinigera mpimbarirwa uko mboneka.

    •  Rimwerimwe ndahimbarirwa uko mboneka.

    •  Nama mpimbarirwa uko mboneka.

  2.   Ni igiki canecane woshima guhindura kuri wewe?

    •  Uburebure

    •  Ibilo

    •  Imero y’umubiri

    •  Imishatsi

    •  Akabiri ko mu maso

    •  Imirya

    •  Ikindi

  3.   Uzuza iryungane rikurikira:

     Numva ntatekanye . . .

    •  iyo nipimye ibilo ku munzane.

    •  iyo niravye mu cirore.

    •  iyo nigereranije n’abandi (abagenzi canke abakinyi rurangiranwa b’amasinema).

  4.   Uzuza iryungane rikurikira.

     Nipima ku munzane . . .

    •  ku musi ku musi.

    •  ku ndwi ku ndwi.

    •  n’indwi irarenga.

  5.   Ni ikihe muri ibi kidondora neza uko wiyumva?

    •  Sinezerererwa ukuntu meze. (Akarorero: “Igihe cose niravye mu cirore, nibonamwo umuntu avyibushe birenze, w’ikiburirane. Mbere nariyicishije inzara kugira ngabanuke.”​—Serena.)

    •  Ndazwa ishinga buhoro n’ukuntu meze. (Akarorero: “Hazokwama hariho ikintu tudashima ku bijanye n’ukuntu tuboneka, hakaba n’ivyo ata kindi twokora atari ukuvyemera ukwo nyene. Bwoba ari ubujuju umuntu arajwe ishinga n’ikintu adashobora guhindura.”​—Natanya.)

 Bibiliya ihimiriza umuntu wese “kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.” (Abaroma 12:3) Birabereye, eka mbere birakenewe ko ku rugero runaka twiyumvira ibitwerekeye. Ni co gituma nk’akarorero wiyugumura kandi ukitaho isuku.

 Bite hamwe woba ucibwa intege n’ukuntu uboneka kumbure gushika naho bikuraza ishinga cane? Nimba ari uko biri, wokwibaza uti:

 ‘Kubera iki ntashima uko meze?’

 Hoshobora kuba hari imvo nyinshi zibituma. Muri zo harimwo:

  •  Ibimenyeshamakuru. “Abakiri bato turacucagirwa amasanamu atuma twiyumvira ko dutegerezwa kuba twonze kandi dusa neza igihe cose. Ikivamwo n’uko hagize ikitagenda neza, uca wumva wiyanse!”​—Kellie.

  •  Abavyeyi. “Ndamaze kubona ko iyo inabibondo yitwararika birenze ukuntu aboneka akenshi n’umukobwa wiwe agira iyo ngorane nyene. Birashobora kumera gutyo no kuri sebibondo n’umuhungu wiwe.”​—Rita.

  •  Kwisuzugura. “Abantu barazwa ishinga birenze n’ukuntu baboneka bama bashaka ko abandi bababwira ko baberewe. Birarambira kuba kumwe n’umuntu nk’uwo!”​—Jeanne.

 Ico vyoba bivuyeko caba ikihe, urashobora kwibaza uti:

 ‘Noba nkwiye guhindura uko nsa?’

 Ehe ico urunganwe rwawe ruvuga:

 “Ntushobora kwama uhindura utuntu twose wumva udashima kuri wewe, vyoba vyiza rero wemeye utunenge ufise. Ubigenjeje gutyo, abandi boshobora mbere kutabona nya tunenge.”​—Rori.

  “Kora ivyo ushoboye kugira ugire amagara meza. Ufise amagara meza, uzoboneka nk’uko wabwirizwa kuboneka. Kandi nimba hari uwudashima ico uri (kubera adashima uko uboneka), uwo muntu si umugenzi wawe.”​—Olivia.

 Muri make: Nugire uko ushoboye kugira uboneke neza. Ibindi na vyo ntibiguhagarike umutima. Kurazwa ishinga cane n’ukuntu uboneka birashobora gutera ingorane. (Raba “ inkuru ya Julia.”)

 Ku rundi ruhande na ho, kubona ibintu ku rugero bizogufasha kubona ibikwerekeye mu buryo bubereye, nk’uko umwigeme yitwa Erin yavyiboneye. Avuga ati: “Vy’ukuri ndafise ibindaza ishinga, ariko narabonye ko niyumva nabi igihe gusa nibanze cane ku bitagenda neza. Ubu ndagira siporo ntasibiriza kandi ndafungura neza. Ibindi birizana.”

 Ibibereye kukuraza ishinga koko!

 Igihe ubona ku rugero ibikwerekeye, uzoboneka neza. Bibiliya irashobora kugufasha. Ikuremesha kugira ibi bikurikira:

  •  Gushima uko ivyawe vyifashe. “Ni vyiza guhimbarirwa ivyo dufise kuruta kwipfuza ikindi kintu, kuko ata ho bitaniye no kwoma inyuma umuyaga.”​—Umusiguzi 6:9, Contemporary English Version.

  •  Kugira siporo ku rugero. “Kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike.”​—1 Timoteyo 4:8.

  •  Ubwiza bwo mu mutima. “Umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”​—1 Samweli 16:7.

 “Mu maso hacu harahishura ukuntu twiyumva ku bitwerekeye. Nimba umuntu ashima uko ivyiwe vyifashe, n’abandi barabibona bagaca bumva bakwegerewe nawe.”​—Sarah.

 “Ubwiza burashobora gukwegera mu kanya isase. Ariko ubwiza bwawe bwo mu mutima be na kamere zawe nziza ni vyo canecane abantu bazokwibukirako.”​—Phylicia.

 Soma: Imigani 11:22; Abakolosayi 3:10, 12; 1 Petero 3:3, 4.