Ja ku birimwo

Raporo y’ikoraniro rigirwa buri mwaka ryo mu 2014

Ubwami buramaze imyaka 100 buganza!

Raporo y’ikoraniro rigirwa buri mwaka ryo mu 2014

Kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 2014, abantu nka 19.000 barakurikiranye ikoraniro rigirwa buri mwaka rigira 130 ry’ishirahamwe Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Iryo koraniro ryabereye ku Ngoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova y’i Jersey City, muri New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kandi hari abarikurikiranye biciye kuri videwo bari mu yindi mihingo.

Mark Sanderson wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova ni we yari ahagarikiye iryo koraniro. Mu majambo yiwe y’intango, umuvukanyi Sanderson yaravuze ko muri uwu mwaka iryo koraniro ari iridasanzwe kubera ko haheze imyaka 100 Ubwami bwa Mesiya buganza.

Umuvukanyi Sanderson yaravuze ibintu bitatu bihambaye ubwo Bwami bwaranguye mu myaka 100 bumaze buganza:

  • Igikorwa co kwamamaza kw’isi yose. Babifashijwemwo na Yehova, abasavyi biwe barakoze baratama mu gukwiragiza inkuru nziza y’Ubwami. Igitigiri c’abamamaji cariyongereye kiva ku bihumbi bikeyi mu 1914 gishika ku barenga imiliyoni umunani mu mwaka w’umurimo wa 2014. Tuzobandanya kwamamaza n’umwete gushika Yehova avuze ko igikorwa kirangiye.

  • Abatwarwa b’Ubwami barakingiwe uko bagize umugwi. Abakuru b’amadini n’abategetsi baraturwanije bikomeye, mbere baranagerageza kuzimanganya zina Cabona ca Yehova. Ariko, Yehova yarakingiye abasavyi biwe uko bagize umugwi. Intsinzi nyinshi twatahukanye mu vy’imanza, harimwo izo twatahukanye muri Sentare nkuru ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, zirerekana ko Yehova aguma adukingira gushika n’uno musi.

  • Abantu bo mu mice itandukanye y’ubuzima barunze ubumwe. Ubwami bw’Imana bwaratumye abantu baciye mu bintu bitandukanye, bakomoka mu bihugu bitandukanye, bavuga indimi zitandukanye, bunga ubumwe. Bwarabafashije gutsinda ingorane zitandukanye bwongera butuma baba abasavyi b’Imana bunze ubumwe. Umuvukanyi Sanderson yavuze ati: “Emwe, ico ni igitangaro cokorwa na Yehova Imana wenyene.” Yarashimitse ku kuntu abari ng’aho bose batewe agateka ko gukurikirana iryo koraniro rigirwa buri mwaka ry’intibagirwa.

Utuvidewo Nube umugenzi wa Yehova.

Haciye hakurikira ibijanye na twa tuvidewo tw’abana haheze imyaka irenga ibiri dutanguye gusohorwa. Umuvukanyi Sanderson yabanje gusaba abumviriza ngo barabe ividewo yerekana abana bo hirya no hino kw’isi bariko barashikiriza amajambo yo gukenguruka. Abumviriza barakozwe ku mutima n’ayo majambo yo gukenguruka abo bana bavuze batarya umunwa kandi babikuye ku mutima. Bakenguruka kubera ivyo bize muri utwo tuvidewo.

Haciye herekanwa akandi kavidewo gashasha. Kavuga ngo “Yehova azogufasha guhera ubwoba.” Ako kavidewo kamara iminuta 12 kavuga inkuru yo muri Bibiliya y’agakobwa k’Akisirayelikazi kabwiye ivyerekeye Yehova muka Namani kabigiranye umutima rugabo. (2 Abami 5:1-14) Ako kavidewo kashizwe kuri jw.org ku wa mbere igenekerezo rya 6 Gitugutu 2014, kandi karaboneka mu ndimi zirenga 20.

JW Language.

Umuvukanyi Sanderson yaratangaje iyo porogarama nshasha ikoreshwa mu dukoresho ngendanwa two mu buhinga bwa none, ino ikaba izofasha Ivyabona vya Yehova bipfuza kwiga urundi rurimi kugira bagure ubusuku bwabo. Kuri iyo porogarama hari amajambo n’amungane arenga 4.000 yo mu ndimi 18. Hariko harategurwa ivyo kwongerako ayandi majambo n’amungane, uburyo bwo gutanguza ibiyago mu busuku, n’ibindi.

JW Broadcasting.

Abumviriza baranezerewe no kwumva ibijanye na televiziyo nshasha yo kuri internet y’Ivyabona vya Yehova, ino ikaba yatanguye kugeragezwa mu congereza gusa. Iyo televiziyo ikorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Brooklyn muri New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Izokwerekana amavidewo yacu, indirimbo, hamwe n’ibikino bishingiye ku busomyi bwa Bibiliya. Vyongeye, buri kwezi hari ikiganiro kizohora gishikirizwa n’umwe mu bagize Inama Nyobozi canke umwe mu bafasha mu makomite y’Inama Nyobozi.

Umuvukanyi Sanderson yarahonjeje abariko barakurikirana iryo koraniro porogarama ya mbere y’iyo televiziyo. Muri iyo porogarama, ino ikaba yaremeshejwe n’umuvukanyi Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi, barerekanye ibintu vyose vyakozwe kugira iyo televiziyo ibeho. Iyo televiziyo yatanguye gukora kw’igenekerezo rya 6 Gitugutu 2014, kandi umuntu arashobora kuyiraba agiye ku muhora witwa tv.dan124.com.

“Ubwami bw’Imana: Imyaka 100 bumaze be n’iyiri imbere.”

Samuel Herd wo mu Nama Nyobozi yarahagarikiye ividewo yerekana ukuntu Ubwami bw’Imana bwagiye buradufasha gutera imbere no kugira ivyo turyohoye mu busuku bwacu. Iyo videwo yari igizwe n’ividewo yerekana ivyabaye muri kahise, udukino dusubiramwo ivyabaye hamwe n’ivyabonywe vyashikirijwe n’Ivyabona bamaze igihe kirekire, iyo videwo yarerekana kandi utwigoro twagizwe kugira ngo hategurwe rwa Rukurikirane rw’amafoto yerekeye ivyaremwe no kugira ngo rwerekanwe hirya no hino; iyo videwo kandi yarerekana ukuntu bakoresha amafono, udukarata two gushinga intahe, n’imiduga isamiriza amajwi, hamwe n’ukuntu bagira amadefile yo kumenyesha ubutumwa; yarerekana kandi intunganyo y’amashure agenewe kutumenyereza ku bw’ubusuku.

Ni gute twungukira ku kuzirikana ku bintu Ubwami bw’Imana bwaranguye muri iyi myaka 100 ya mbere bumaze buganza? Tubigize bituma tubona ko Ubwami bubaho koko bikongera bigatuma turushiriza kwitegana umushasharo ivyo buzorangura.

Indirimbo zo gushemeza Imana.

David Splane wo mu Nama Nyobozi yaratumye abariko barakurikirana iryo koraniro buzura umunezero igihe yatangaza ko hari umugambi wo gusubiramwo igitabu cacu c’indirimbo Turirimbire Yehova. Ibikoresho bizokoreshwa mu gukora igipfukisho caco be n’akabara kazosigwa mu mbavu bizoba bimeze nk’ivyakoreshejwe kuri Bibiliya y’isi nshasha. Ukuba hazokoreshwa ivyo bikoresho bimeze neza cane birerekana ikibanza gihambaye indirimbo zifise mu gushemeza Imana.

Umuvukanyi Splane yaramenyesheje kandi ko hari izindi ndirimbo nkeyi zizokwongerwa ku gitabu cacu c’indirimbo. Ariko ntituzorindira ko ico gitabu kirinda kuboneka kugira ngo dutangure gukoresha izo ndirimbo nshasha. Uko zizoza zirarangira gutegurwa ni ko zizoza zirashirwa kuri jw.org.

Kuri iryo koraniro hararirimbwe indirimbo zitatu muri izo nshasha, zino Abanyabeteli bakaba bari bimenyereje kuziririmba mu ntango y’iyo ndwi. Umuvukanyi Splane yarayoboye umugwi w’abaririmvyi waririmvye ururirimbo rushasha ruvuga ngo “Ubwami bw’Imana buraganza​—Nibuze!” Urwo ruririmbo rwateguwe canecane ku bw’imyaka 100 ihaciye Ubwami bushinzwe. Uwo mugwi uhejeje kuririmba, abari aho bose baciye baririmbana na wo. Mu nyuma bose hamwe bararirimvye urundi ruririmbo rushasha ruvuga ngo “Nuduhe ubutinyutsi.

Ikiganiro co kubaza ibibazo.

Gerrit Lösch wo mu Nama Nyobozi ni we yayoboye ikiganiro co kubaza ibibazo abavukanyi batatu n’abagore babo bamaze imyaka myinshi mu murimo wo kuri Beteli. Ico kiganiro cari carafashwe amajwi imbere y’igihe. Baravuze amahinduka menshi biboneye muri iyi myaka n’iyindi ihaciye, barashimika ku vy’uko abasavyi b’Imana bariko baratera baja imbere. Umuvukanyi Lösch yaravuze ko Bibiliya yari yaravuze ko hobaye amaterambere mu kuntu ibintu bitunganywa, kandi yarahimirije bose kuguma bajana n’ishirahamwe rya Yehova.​—Yesaya 60:17.

“Ivyabaye be n’ivyo bigereranya.”

Umuvukanyi Splane ni we yashikirije iyo nsiguro, ino ikaba yarerekanye igituma muri iyi myaka ibisohokayandikiro vyacu bitakigerageza cane kurondera ivyo inkuru zo muri Bibiliya zigereranya nk’uko vyabigira kera.

Kera, vyavugwa ko abagabo n’abagore benshi b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya bagereranya imigwi kanaka y’abakirisu b’abizigirwa bo muri kino gihe. Muri ubwo buryo nyene, inkuru zitari nke zo muri Bibiliya vyiyumvirwa ko ari ubuhanuzi bwerekeye abasavyi b’Imana bo muri kino gihe. Tuvugishije ukuri, biraryoshe kwiga ibijanye n’ivyo bintu vyagiye biragereranywa. None ni kubera iki ubu ibisohokayandikiro vyacu bitakivuga kenshi ivyabaye be n’ivyo bigereranya?

Ivyanditswe birerekana yuko abantu bamwebamwe bavugwa muri Bibiliya hamwe n’ibintu bimwebimwe bivugwa muri yo bigereranya abantu canke ibintu bihambaye kuruta vyobaye. Igihe Bibiliya yerekanye mu buryo butomoye ico ikintu kanaka kigereranya, turavyemera duhimbawe. Umuvukanyi Splane yavuze ati: “Ariko igihe Bibiliya ata co ibivugako, natwe nta co tubivugako.” Turakwiye kwirinda kurondera kuja mu tuntu tw’ido n’ido ku bijanye n’inkuru kanaka. Vyongeye, twituniye ku kurondera ivyo inkuru kanaka zo muri Bibiliya zigereranya be n’ukuntu zarangutse, birashobora gutuma tutabona ivyigwa ngirakamaro dushobora kwigira kuri izo nkuru zo muri Bibiliya, twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi.​—Abaroma 15:4. *

“Woba ‘uzoguma uri maso’?”

Iyi nsiguro, ino ikaba yashikirijwe n’umuvukanyi Lett, yarahinduye ukuntu twatahura wa mugani wa Yezu w’abigeme cumi b’isugi. (Matayo 25:1-13) Ubu tuwutahura gutya: Umukwe ni Yezu, abo bigeme b’isugi na bo ni abayoboke ba Yezu barobanuwe. (Luka 5:34, 35; 2 Abakorinto 11:2) Uwo mugani werekeza ku misi ya nyuma, ariko ikiringo cawo c’agaheta kikaba kizoshika mu gihe ca ya makuba akomeye. Mu kuvuga ibijanye n’abigeme b’isugi batanu b’ibijuju, Yezu ntiyashaka kwerekana ko benshi mu basavyi biwe barobanuwe bohemutse maze bikaba ngombwa ko basubirizwa. Ahubwo nyabuna, yariko atanga ingabisho ikomeye cane. Nka kurya nyene abigeme b’isugi batanu bari ab’ubwenge bandi batanu bakaba ibijuju, uwarobanuwe wese ni we yihitiramwo kwitegura akaba maso, canke guhemuka.

Twisunze ca ciyumviro co kutarondera kuja mu tuntu tw’ido n’ido, ntivyoba biranga ubukerebutsi dusuzumye ico kigereranyo turondera kumenya ico akantu kose kavugwa muri co kagereranya. Ahubwo nyabuna, vyoba vyiza turondeye ivyigwa ngirakamaro dukura muri ico kigereranyo. Twaba turi mu barobanuwe canke mu “zindi ntama,” twese turafise ibanga ryo kureka umuco wacu ukaka no ‘kuguma turi maso.’ (Yohani 10:16; Mariko 13:37; Matayo 5:16) Nta n’umwe yoshobora kuba umwizigirwa mu kibanza cacu. Umwe wese muri twebwe “[a]tegerezwa guhitamwo ubuzima” mu kuguma ari maso mu buryo bw’impwemu kandi afise umwete mu busuku.​—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

“Umugani w’italanto.”

Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije iyo nsiguro, akaba yarafashije abariko baramukurikira gutahura ukuntu dusigaye dutahura insobanuro y’ico kigereranyo c’italanto. (Matayo 25:14-30) Ubu dutahura ko uwo shebuja avugwa muri ico kigereranyo (Yezu) azoha impera abashumba biwe (abayoboke biwe b’abizigirwa barobanuwe bari kw’isi) muri kazoza, niyaza maze akabadugana mu buzima bwo mw’ijuru. Igihe Yezu yavuga ivyoshikiye wa “mushumba mubi kandi w’ikinebwe,” ntiyashaka kwerekana ko abayoboke biwe barobanuwe batari bake bohemutse. Ahubwo nyabuna, yashaka kwereka abarobanuwe ko bikenewe yuko baguma ari abanyamwete kandi bakirinda agatima n’ibikorwa vya wa mushumba mubi.

Ni ivyigwa ngirakamaro ibihe twokwigira kuri uwo mugani? Shebuja avugwa muri ico kigereranyo yajeje abashumba biwe ikintu c’agaciro. Muri ubwo buryo nyene, Yezu yajeje abayoboke biwe ikintu abona ko ari ic’agaciro, na co kikaba ari igikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa. Yiteze ko twese tugira uruhara n’umwete muri ico gikorwa co kwamamaza, bivanye n’uko ivyacu vyifashe. Umuvukanyi Morris yarakeje cane abariko barumviriza kubera ko bagira uruhara n’umwete mu mirimo y’Ubwami.

“Ni nde vuba agiye kugaba igitero ku basavyi b’Imana?”

Uwo wari umutwe w’insiguro ikabura yasozereye iyo porogarama, ikaba yashikirijwe na Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi. Umuvukanyi Jackson yaravuze ibijanye n’igitero Gogi w’i Magogi azogaba ku basavyi b’Imana muri kazoza.​—Ezekiyeli 38:14-23.

Kera, twatahura ko Gogi ari irindi zina rya Shetani wa Mubesheranyi inyuma y’aho yirukaniwe mw’ijuru. Ariko, umuvukanyi Jackson yarerekanye ibibazo bitari bike iyo nsobanuro ivyura. Nk’akarorero, Yehova yavuze ko Gogi niyatsindwa, Yehova azotanga uwo Gogi ngo “[a]bere indya inyoni zihiga, inyoni z’amababa y’ubwoko bwose, be n’ibikoko vyo mu gahinga.” (Ezekiyeli 39:4) Yehova yavuze kandi ko “Gogi n’isinzi ryiwe ryose” bazohambwa kw’isi. (Ezekiyeli 39:11) None ivyo vyoshikira gute ikiremwa c’impwemu? Shetani azotabwa mu nyenga amareyo imyaka 1.000, ntazoribwa canke ngo ahambwe. (Ivyahishuwe 20:1, 2) Vyongeye, mu mpera y’iyo myaka 1.000, Shetani azokurwa muri iyo nyenga kandi “azosohoka aje kuzimiza ya mahanga ari mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi.” (Ivyahishuwe 20:7, 8) Birumvikana ko Shetani atozimiza Gogi mu gihe we ubwiwe yoba ari we Gogi.

Umuvukanyi Jackson yasiguye ko Gogi w’i Magogi avugwa mu buhanuzi bwa Ezekiyeli atagereranya Shetani, ahubwo ko ategerezwa kuba agereranya urunani rw’amahanga ruzotera abasavyi b’Imana muri kazoza. Bishoboka ko igitero ca Gogi ari cokimwe n’igitero c’“umwami wo mu buraruko” hamwe n’igitero c’“abami b’isi.”​—Daniyeli 11:40, 44, 45; Ivyahishuwe 17:12-14; 19:19.

None uwo “mwami wo mu buraruko” agereranya nde? Turacarindiriye inyishu. Uko biri kwose, birakomeza ukwizera kubona ingene ukuntu dutahura ivyo bintu bizoba muri kazoza kuguma kuryohorwa uko ivyo bintu birushiriza kwegereza. Ntidutinya igitero cimirije kizogabwa ku basavyi b’Imana, kubera yuko tuzi ko Gogi w’i Magogi niyatera, azotsindwa maze azimanganywe, magingo abasavyi b’Imana bo bazokwigumiraho ibihe bidahera. *

Insozero.

Umuvukanyi Sanderson yaratangaje ko ubu haboneka Bibiliya y’isi nshasha ntoyi ishobora kuja mu mupfuko. Yavuze kandi ko hariko harategurwa ubusomyi bwa Bibiliya, aho abantu batandukanye bazofatwa amajwi bariko barasoma amajambo yavuzwe n’abantu bavugwa muri Bibiliya. Ayo majwi azogenda arashirwa kuri jw.org intambwe ku yindi, guhera ku gitabu ca Matayo.

Umuvukanyi Sanderson yaratangaje ko icanditswe c’umwaka wa 2015 ari Zaburi 106:1, ahagira hati: “Nimukengurukire Yehova, kuko ari mwiza.” Yaremesheje bose kurondera imvo zo gukenguruka buri musi.

Ururirimbo rwasozereye iryo koraniro rwari ururirimbo rugira gatatu muri za ndirimbo zacu nshasha, ruvuga ruti: “Wewe uri Yehova.” Abagize Inama Nyobozi bose uko ari ndwi barifatanije n’umugwi w’abaririmvyi ku mukiruruko igihe abitavye iryo koraniro bose bariko bararirimba urwo ruririmbo rushasha ruryoshe cane, iyo ikaba yabaye insozero ibereye y’iryo koraniro ry’intibagirwa vy’ukuri!

^ ing. 22 Iyo nsiguro hamwe n’izo zindi zibiri zayikurikiye zari zishingiye ku biganiro bizosohoka mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ntwarante 2015.

^ ing. 30 Iyo nsiguro yari ishingiye ku kiganiro kizosohoka mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2015.