Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | MASSIMO TISTARELLI

Umuhinguzi w’amarobo asigura icatumye yemera Imana

Umuhinguzi w’amarobo asigura icatumye yemera Imana

Massimo Tistarelli ni umwigisha wo kuri kaminuza y’i Sassari mu Butaliyano, akaba ari umuhinga mu vya siyansi. Arakorana n’abandi mu gusohora ibinyamakuru mpuzamakungu bitatu bivuga ivya siyansi, kandi yarafatanije n’abandi bahinga mu kwandika ibiganiro birenga ijana bijanye na siyansi. Atohoza ivyerekeye ingene umuntu yitegereza ikintu agaca amenya ico ari co, n’ingene akora ibintu bisa n’ibisanzwe, nko gucakira umupira. Aca ahingura ivyuma vyitwa amarobo bifise ubushobozi bwo kubona bwigana ubw’umuntu. Ikinyamakuru Be maso! caramubajije ibijanye n’ivyo yemera be n’igikorwa akora mu vya siyansi.

Wakuriye mw’idini irihe?

Abavyeyi banje bari abagatolika b’izina. Nkiri muto, jewe nabona ko Imana itabaho. Nigishijwe yuko ibinyabuzima vyabayeho biciye kw’ihindagurika, kandi ivyo nabifata ko ari ukuri. Ariko naho ntemera ko Umuremyi abaho, nabona yuko hategerezwa kuba hariho ikintu kiturengeye. Kugira ngo menye ico kintu ico ari co, naciye ntangura gusuzuma inyigisho z’ababuda, abahindu n’abatawo, mugabo izo nyigisho zose ntizanshitse ku nyota.

Ni igiki catumye ushima gukurikirana ivya siyansi?

Kuva nkiri umwana, naratangazwa n’ukuntu ibintu vy’ivyuma bikozwe. Narafata mbere udukinisho twanje dukoreshwa n’umuyagankuba nkadusambura hanyuma nkaduteranya. Kubera ko dawe yari umuhinga mu bijanye no gutumatumanako amakuru, narakunda kumubazagiza ingene amaradiyo n’amatelefone bikora.

Ni umuce uwuhe w’ivya siyansi wakurikiranye?

Nize kuri kaminuza y’i Gênes ivyerekeye ubuhinga bwa elegitoronike, mu nyuma ntangura kugira ubushakashatsi mu bijanye no guhingura amarobo kugira ngo ndonke urupapuro rw’umutsindo bita doctorat. Naranonosoye ivyerekeye ubushobozi umuntu afise bwo kubona be n’ukuntu nobwisunga mu guhingura amarobo.

Kubera iki warondeye kumenya ivyerekeye ubushobozi dufise bwo kubona?

Nasanze ubwo bushobozi buhanitse bimwe bitangaje; ntibushingiye gusa ku maso, kuko burimwo n’ibituma umuntu iyo abonye ikintu aca atahura ico ari co. Nk’akarorero, rimbura ukuntu bigenda kugira ngo ufate umupira. Iyo wirutse kuwufata, imbonero z’amaso zica zikwega ishusho yawo zikayirungika ku gahimba k’imbere mu jisho kitwa rétine. Ingene iyo shusho igendagenda muri ako gahimba bivana n’ukuntu uwo mupira uba uriko uragenda be n’ukuntu amaso agenda awukurikira. Mu bisanzwe, iyo ijisho ryawe rigumye kuri uwo mupira, ishusho yawo ica iguma kuri ako gahimba idakoma mu gihe ibiri inyuma ya nya mupira vyovyo bimera nk’ibiriko biragenda.

Muri ico gihe nyene, ijisho be n’ibihimba bikorana na ryo birarimbura umuvuduko w’uwo mupira be n’iyo uriko urerekeza. Igitangaje, ivyo bintu bitangura kurimburirwa muri ako gahimba rétine igihe ijisho ryawe riba ririko rirasuzuma ukuntu nya mupira uriko uragenda rifatiye ku biri inyuma yawo. Ako gahimba gaca karungikira ubwonko ayo makuru biciye ku mutsi nsozabwenge w’ijisho, maze ubwonko na bwo bugasuzuma ayo makuru bugaca bukurungika kuwucakira. Ivyo bintu ni urusobangane ntiworaba kandi biratangaje.

Ni igiki none cakujijuye ko Umuremyi abaho?

Mu 1990, naramaze amezi makeyi i Dublin muri Irlande, kuri kaminuza yitwa Trinity College. Igihe nari ku rugendo nsubira muhira n’umukenyezi wanje Barbara, twarazirikanye kuri kazoza k’abana bacu. Twarafashe kandi ingingo yo kuja kuramutsa mushikanje, akaba yari Icabona ca Yehova. Uwo mushikanje yarampaye igitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova citwa La vie​: comment est-elle apparue ? Évolution ou création ? Naratangajwe n’ubushakashatsi bwitondewe bwagizwe mu gutegura ico gitabu. Naciye ntahura yuko nari napfuye kwemera ivy’ihindagurika ntarinze gusuzuma nimba hariho ibimenyamenya bibishigikira. Nk’akarorero, nariyumvira yuko ibisigarira abahinga bacukuye bishigikira neza iyo nyigisho y’ihindagurika. Ariko nasanze atari ko biri. Mu vy’ukuri, uko narushiriza gusuzuma ivy’iyo nyigisho ni ko narushiriza kujijuka yuko idashingiye ku bimenyamenya ahubwo ko ishingiye ku vyiyumviro vy’abantu bihambaza.

Narazirikanye ku gikorwa nakora co guhingura amarobo. Nibajije nti: ‘Ni nde yakoze ivyo bintu nama nigana?’

Vyatumye nzirikana ku gikorwa nakora co guhingura amarobo. Nibajije nti: ‘Ni nde yakoze ivyo bintu nama nigana?’ Jewe sinoshobora guhingura ikirobo gishobora gucakira umupira nk’uko umuntu yowucakira. Umuntu yoshobora gukora ikirobo akagishiramwo ubuhinga butuma gicakira umupira. Mugabo ivyo ntigishobora kubikora mu bihe bitandukanye n’ivyo categuriwe gukoreramwo. Ubushobozi dufise bwo kwiga ibintu buraruta kure n’iyo ubw’imashini iyo ari yo yose. Kandi izo mashini wumva zirafise abazihinguye! Ico ni kimwe gusa mu bintu vyatumye njijuka yuko hategerezwa kuba hariho uwaremye ibiriho.

Kubera iki wabaye Icabona ca Yehova?

Kimwe mu vyabitumye ni uko jewe na Barbara twakunze ingene Ivyabona vya Yehova biga ibintu mu buryo bwitondewe. Narakorwa ku mutima canecane n’ubushakashatsi bagira igihe bategura ibitabu vyabo. Abantu nkanje barakunda ibintu vyagiriwe ubushakashatsi bwimbitse kubera ko bipfuza kumenya ido n’ido ry’ibintu. Nk’akarorero, narakunze cane ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya, ni ukuvuga ibintu Bibiliya yari yaravuze ko vyorangutse. Kwiga ubwo buhanuzi vyaratumye njijuka ko Bibiliya iva ku Mana koko. Mu 1992, twe na Barbara twarabatijwe tuba Ivyabona vya Yehova.

Kwiga ivya siyansi vyoba vyarahungabanije ukwizera kwawe?

Ahubwo riho vyarakomeje ukwizera kwanje. Nk’akarorero, rimbura ingene bigenda kugira ngo tubone ikintu duce tumenya ico ari co. N’uruyoya rurashobora kubigira inyuma y’amasaha nk’angahe ruvutse. Turashobora gukubita ijisho umuntu dusanzwe tuzi tugaca tumumenya ubwo nyene, naho yoba ari mu bantu isinzi. Turashobora no guca tumenya ukuntu amerewe mu mutima. Yamara rero, twoshobora kuba tutazi na gato yuko ivyo vyose bisaba ko ubwonko bwacu bubanza kwakira amakuru umuyoro bugaca buyasuzuma, ivyo bikaba mu kanya isase.

Vy’ukuri, nta makenga na makeyi mfise yuko ubushobozi bwo kubona dufise ari ingabirano twahawe na Yehova Imana. Ingabirano nyinshi yaduhaye, ushizemwo na Bibiliya, ziratuma ndamukengurukira nkongera nkamuyagira n’abandi. Jewe mbona ko akwiye guhabwa icubahiro kubera ivyo yakoze vyose.