Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Udukuru tw’irya n’ino

Udukuru tw’irya n’ino

Mu Butaliyano

Mu Butaliyano, igitigiri c’amakinga yagurishijwe mu 2011 cabaye kinini kuruta ic’imiduga. Zimwe mu mvo zoba zarabitumye ni ingorane z’ubutunzi, igiciro c’igitoro, n’amahera yo kubungabunga imiduga. Amakinga yoyo, muri rusangi usanga adasaba amahera menshi yo kuyabungabunga; vyongeye aroroshe gukoresha, kandi arafasha cane.

Muri Armeniya

Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yasanze Leta ya Armeniya yarahonyanze agateka k’abasore 17 b’Ivyabona vya Yehova bapfunzwe kubera ko banse gukora ibikorwa vya gisivile bihagarikiwe n’abategetsi ba gisirikare. Leta yasabwe guha indishi y’akababaro abo basore 17 no kubasubiza amahera bakoresheje mu kuburana.

Mu Buyapani

Muri ico gihugu, hariho abana bakorewe amabi, kandi vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako ibiberekeye (réseaux sociaux) vyarabigizemwo uruhara. Ibice 63 vy’abo bana ntibari baragabishijwe n’abavyeyi babo ku bijanye n’akaga kari mu gukoresha mwene ivyo bibanza. Mu bantu 599 bagizweko amatohoza, ibice 74 kw’ijana vy’abagirijwe ko bakoze ayo mabi bavuze yuko bakoresha mwene ivyo bibanza kugira ngo basambanye abana bakiri bato.

Mu Bushinwa

Mu ntumbero yo kugabanya igwirirana ry’imiduga mu mabarabara, ibisagara bikomakomeye biriko birashinga igitigiri ntarengwa c’imiduga mishasha ihabwa amaparati ndangamiduga. Nk’akarorero, igisagara ca Beijing ntikizoza kiratanga amaparati arenga 240.000 ku mwaka. Muri Myandagaro 2012, abantu nka 1.050.000 barakinye tombora yari gutuma batsindira amaparati 19.926, bikaba bisobanura ko umuntu 1 mu bantu 53 ari we yatomboye.