Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bagira ingendo gushika mu karere ka kure rwose k’isi

Bagira ingendo gushika mu karere ka kure rwose k’isi

Ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari babayeho

Bagira ingendo gushika mu karere ka kure rwose k’isi

“Bukeye avayo ajana na Barunaba i Derube. Hanyuma aho bamariye kumenyesha inkuru nziza ico gisagara no guhindura abatari bake abigishwa, basubira i Lusitira no muri Ikoniyo n’i Antiyokiya.”​—IVYAKOZWE 14:20, 21.

UWO muntu agira afate urugendo ariko arahumeka akayaga keza ko mu gitondo. Arambara udusandala twiwe turiko turamuhererako. Ahava amara uwundi musi agenda n’amaguru.

Arafata ibarabara ry’ibivu rirengana i ruhande y’umurima w’imizabibu, rigaca mu gitara c’imyelayo no ku mpinga y’umusozi, akazuba ko mu gitondo na ko kamuherekeje. Mu nzira arahura n’abandi bantu bari ku rugendo, uri abarimyi bariko bihata baja mu mirima yabo, uri abadandaza bariko bahindagiza ibitungwa vyiremetse ibidandazwa vyinshi hamwe n’abagiye i Yeruzalemu mu vyo gusenga. Uwo muntu be n’abo basangiye urugendo bagenda barayaga n’uwo bahura wese. None bafise intumbero iyihe? Bashaka kurangura igikorwa Yezu yabashinze co kumushingira intahe “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”​—Ivyakozwe 1:8.

Uwo muntu ari ku rugendo yarashobora kuba ari intumwa Paulo canke Barunaba, canke uwo ari we wese mu bamisiyonari b’indyamunyu bo mu kinjana ca mbere. (Ivyakozwe 14:19-26; 15:22) Bari abantu b’intatinyurukamvye kandi bumirako. Ingendo ntizari zoroshe. Mu kudondora ayo yaboneye mu kiyaga, intumwa Paulo yanditse ati: “Incuro zitatu imeri yaransabiyeko, namaze ijoro n’umurango mw’igezi.” Kugenda n’amaguru na vyo nyene ntivyari yororo. Paulo yavuze ko kenshi yaguye mu “kaga k’inzuzi” no mu “kaga k’abambuzi.”​—2 Abakorinto 11:25-27.

Mbega vyobaye bimeze gute ujanye n’abo bamisiyonari muri izo ngendo? Wogenze ahangana gute ku musi? Wokeneye kugenda witwaje iki, kandi wogiye urarara hehe?

Urugendo rw’amaguru Mu kinjana ca mbere, Abaroma bari barubatse amabarabara menshi yahuza ibibanza nyamukuru vy’iyo nganji. Ayo mabarabara barayapima bavyitondeye, bakayubaka bakayakomeza. Menshi wasanga afise ubwaguke bw’imetero 4 n’igice, ashashemwo amabuye, afise ibitangirizi ku mpande zompi akagira n’inkingi zerekana ibilometero. Umumisiyonari nka Paulo aciye mu mabarabara mwene ayo, yarashobora kugenda ibilometero nka 32 ku musi.

Ariko rero muri Palesitina, amabarabara menshi wasanga ari amayira y’ibivu arimwo akaga, atagira ibitangirizi biyatandukanya n’imirima be n’ibimanga. Umuntu ari ku rugendo yarashobora guhura n’ibikoko vyo mw’ishamba canke abambuzi, emwe, ugasanga ibarabara rirazibiye ntihagire uwurengana.

Ni ibiki umuntu ari ku rugendo yashobora kugenda yitwaje? Mu bintu vya nkenerwa yagenda yitwaje harimwo inkoni yo kwikingira (1), akamatela bashobora kuzinga (2), agasaho k’amahera (3), umwambaro w’amasandala yo gukuranya (4), umufuko w’ibifungurwa (5), umwambaro w’impuzu zo gukuranya (6), indobo y’urushato bashobora kuzinga yo kuvomesha amazi yo mw’iriba bari ku rugendo (7), akantu ko gutekeramwo amazi (8) be n’isakoshi yagutse yo gutwaramwo utuntu twiwe (9).

Abamisiyonari ntibabura guhura n’abadandaza b’ingenzi baba bariko barajana ibidandazwa mu masoko yo ng’aho. Abo badandaza bikora ku ndogoba, iyisanzwe ari igitungwa kidapfa gutirigana. Ugeze mu mabarabara ahanamye arimwo n’ibibuyebuye, nta kindi gikoko cari kugereranywa na yo. Bivugwa ko indogoba yikoreye umuzigo ukwiye yashobora kugenda ibilometero bishika 80 ku musi. Udukogote dukwegwa n’impfizi z’inka be n’iyindi mikogote vyovyo vyagenda vyitonda cane, bikagenda ibilometero 8 gushika kuri 20 gusa. Ariko rero impfizi z’inka zarashobora gutwara imizigo iremereye kuruta iyatwarwa n’indogoba kandi ni zo zari zibereye ku bagomba kugira ingendo ngufi. Umuntu ari ku rugendo yarashobora kurengana imigwi y’ingamiya n’indogoba biri ku rugendo, ukaba wasanga ari ibitungwa vyinshi bitonze umurongo vyikoreye ibidandazwa bivuye hirya no hino kw’isi. Intwarabutumwa iri kw’ifarasi yarashobora kugucako yiruka, ikaba yashobora kuba itwaye amakete be n’amategeko umwami arungitse ku kirindiro kanaka co muri iyo nganji.

Bwije, abari ku rugendo baca baryama iruhande y’ibarabara, mu dukambi baba bateguye gihutihuti. Bamwebamwe barashobora kurara mu kigo c’indaro caba kirimwo ivyumba bidafise ivya ngombwa, bikikuje imbuga yaba iri hagati na hagati. Ivyo bibanza bidasukuye kandi bidahimbaye ntivyakingira neza umuntu imbeho, imvura, umuyaga canke ibisuma. Igihe cose bishoboka, abamisiyonari b’ingenzi basaba indaro ku ncuti canke ku bo basangiye ukwizera.​—Ivyakozwe 17:7; Abaroma 12:13.

Urugendo rwo mu mazi Amato matomato yaratwara ibidandazwa be n’abantu aciye mu mazi ari hafi y’inkengera no mu Kiyaga c’i Galilaya. (Yohani 6:1, 2, 16, 17, 22-24) Amato maninimanini yarajabuka Ikiyaga Mediterane, atwaye imizigo ku bivuko vya kure canke ayikuyeyo. Ayo mato yarazana ibifungurwa i Roma akongera akarerura abategetsi kandi agatwara ibimenyeshejwe na Leta, uva ku kivuko uja ku kindi.

Abatwara ubwato wasanga bagenda mu mazi bayobowe n’ivyo babonesha amaso, ku murango bakayoborwa n’ibintu vy’i musozi, mw’ijoro bakayoborwa n’inyenyeri. Ku bw’ivyo, mu mazi wasanga hagendeka guhera muri Rusama gushika hagati muri Nyakanga gusa, bikaba vyiterwa ko muri ico kiringo ikirere kiba gituruye. Vyarakunda gushika amato agasabira mu mazi.​—Ivyakozwe 27:39-44; 2 Abakorinto 11:25.

Abantu ntibashima kugenda n’amato ngo ni uko biryoshe kuruta kugenda n’amaguru. Ubwato butwara ibidandazwa bwari bwo buryo nyamukuru bwakoreshwa mu kwunguruza ibintu n’abantu, kandi ivy’uko uwuburimwo agenda yorohewe si vyo bashira imbere. Abari ku rugendo baguma mu gice co hejuru c’ubwato akaba ari na ho baryama uko ikirere caba cifashe kwose. Igice kidashikirwa n’amazi co munsi ni co bapakiramwo ibidandazwa vy’agaciro. Abari mu bwato bafungura ivyo baba batekeye. Amazi yo kunywa ni yo yonyene baronswa. Vyarashika ikirere kigahungabana cane. Ibihuhusi vy’urudaca hamwe n’amazi asuriranya y’ikiyaga vyaratuma abantu bumva bamerewe nabi kubera ukuzungazunga kw’ubwato, akenshi bikamara imisi itari mike.

Naho izo ngendo z’amaguru n’izo mu mazi zitari zoroshe, abamisiyonari nka Paulo barakwiragije hose “inkuru nziza y’ubwami” mu mihingo y’isi yari izwi ico gihe. (Matayo 24:14) Haciye imyaka 30 gusa Yezu abwiye abigishwa biwe ngo bamushingire intahe, Paulo yaranditse yuko inkuru nziza yariko iramamazwa “mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.”​—Abakolosayi 1:23.