Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyotuma mu rugo haba agahimbare

Nuyage n’abana bawe ivyerekeye igitsina

Nuyage n’abana bawe ivyerekeye igitsina

Umuyabaga yitwa Alicia a avuga ati: “Rimwe na rimwe mba shaka kumenya ikintu kanaka ku vyerekeye igitsina, ariko ngaca nibwira yuko mbajije abavyeyi, bohava banyikekako ikintu kibi.”

Nyina wa Alicia, ari we Inez, avuga ati: “Noshima cane kwicara nkayaga n’umukobwa wanje ku vyerekeye igitsina, ariko yama ari mu vyiwe, nta mwanya afise. Akanya kiwe karagoye.” b

MURI kino gihe, ivy’igitsina biriraye: uri ku mboneshakure, uri mu masenema no mu mayahanishwa y’ibidandazwa. Bisa n’uko ahantu honyene ivy’igitsina bikibonwa nk’ikintu kizira gucisha mu kanwa ari mu biyago biba hagati y’abavyeyi n’abana. Umuyabaga umwe wo muri Kanada yitwa Michael avuga ati: “Ese iyaba abavyeyi bari bazi ingene ari ikintu gitesha umutwe kandi gitera ubuyega kuyaga na bo ivyerekeye igitsina. Kubiyagira umugenzi vyovyo biroroshe.”

Nka kurya nyene bishikira abana, akenshi usanga n’abavyeyi bagonanwa gutanguza ico kiyago. Uwitwa Debra W. Haffner, akaba atanga inyigisho zijanye n’amagara, mu gitabu yanditse kivuga ibijanye n’ukuyaga n’abana ivy’igitsina (Beyond the Big Talk), avuga ati: “Abavyeyi benshi bambwiye yuko baguriye umwana wabo ataragera mu buyabaga igitabu kivuga ivyerekeye igitsina canke amahinduka aba ku mwana acinjira mu buyabaga, bagisiga mu cumba ciwe, bica biherera aho.” Haffner avuga yuko abavyeyi babigenjeje gutyo ari nk’aho baba babwiye abana babo bati: “Turipfuza ko mwomenya ivyerekeye umubiri wanyu n’ivyerekeye igitsina, ariko ntidushaka kubiyaga namwe.”

Nimba uri umuvyeyi, urakeneye kubona ibintu mu buryo butandukanye n’ubwo. Mu vy’ukuri, birahambaye cane ko wewe ubwawe uyaga n’abana bawe ku vyerekeye igitsina. Rimbura imvo zitatu:

  1. Uburyo ivy’igitsina bibonwa bwarahindutse. Uwitwa James w’imyaka 20 avuga ati: “Ivy’igitsina ntibigifise ya nsobanuro umuntu aca abona, ni ukuvuga uguhuza ibitsina hagati y’umunega n’umukenyezi. Ubu hasigaye hari ivyo guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, kubicisha mu kibuno, ubutumwa n’amashusho vyerekeye ivy’igitsina bica kuri orodinateri, mbere n’ukwandikiranira ubutumwa mwene ubwo biciye kuri telefone.”

  2. Abana bawe bashobora kuzokwumva amakuru atari yo bakiri bato. Inabibondo umwe yitwa Sheila avuga ati: “Bazokwumva ivyerekeye igitsina bagitangura ishure, kandi ntibazobitahura nk’uko wewe ushaka ko babitahura.”

  3. Abana bawe barafise ibibazo vyerekeye igitsina, ariko ntiwitege ko ari bo bazotangura kubiyaga nawe. Umwigeme umwe w’imyaka 15 wo muri Berezile yitwa Ana avuga ati: “Mvugishije ukuri, simbona aho nohera kugira nganire n’abavyeyi ivy’igitsina.”

Mu vy’ukuri, kuyaga n’abana bawe ivy’igitsina ni kimwe mu bigize ibanga Imana yagushinze wewe umuvyeyi. (Abanyefeso 6:4) Ego ni ko, yaba wewe canke abana bawe vyoshobora kubatera ubuyega. Ariko rero igishimishije ni uko abakiri bato benshi bavyumva kumwe n’uwitwa Danielle w’imyaka 14, akaba avuga ati: “Twipfuza kumenya ivy’igitsina biciye ku bavyeyi bacu, aho kubimenyera ku mwigisha kanaka canke ku biganiro vyo ku mboneshakure.” None woyaga gute n’abana bawe ivyerekeye ico kintu gihambaye ariko ata woharira ko gitera ubuyega?

Niwisunge imyaka bafise

Abana usanga batangura kwumva ivy’igitsina bakiri bato, kiretse aboba baba ahantu batigera babonana n’abandi bantu. N’ikiza gisongera isibe ni uko muri ino “misi ya nyuma,” abantu babi bagenda “barushiriza kuba babi.” (2 Timoteyo 3:1, 13) Birababaje kubona abana benshi bahumbishwa n’abakuze.

Birahambaye rero ko utangura kwigisha abana bawe bakiri bato cane. Inabibondo umwe wo mu Budagi yitwa Renate avuga ati: “Urindiriye gushika begereje ubuyabaga, woshobora guhava usanga badashimye kuvuga bisanzuye bitewe n’ubuyega bagira bamaze kwinjira mu buyabaga.” Icogufasha kuroranirwa ni ukubwira abana bawe ibihuye n’imyaka bagezemwo.

Abataragera kuja kw’ishure:

Nubigishe ahanini amazina yisoneye y’ibihimba vy’irondoka wongere ubabwire ushimitse yuko ata n’umwe akwiye gukora kuri ivyo bihimba. Inabibondo umwe wo muri Megizike yitwa Julia avuga ati: “Natanguye kuvyigisha umuhungu wanje afise imyaka itatu. Kumenya yuko abigisha, abasanga abana canke abandi bana bamuruta bashobora kumugirira nabi, vyarampagarika umutima cane. Yari akeneye kumenya ingene yokwikingira.”

GERAGEZA IKI KINTU: Niwigishe umwana wawe kugira ico akoze ata gufyina igihe hari umuntu agerageje gukinisha ibihimba vyiwe vy’irondoka. Nk’akarorero, wokwigisha umwana wawe kuvuga ati: “Ndeka! Ndabivuga!” Numuhumurize umwereka yuko kubivuga vyama ari vyiza, naho uwo muntu yomwemerera kumuha ikintu canke akamutera ubwoba. c

Abiga mu mashure y’intango:

Iyo myaka nikubere akaryo ko kugenda urongereza ubumenyi umwana wawe afise. Sebibondo umwe yitwa Peter aduhanura ati: “Nubanze ubacace imbere y’uko muyaga vyinshi. Nurabe ivyo basanzwe bazi, urabe n’uko boba bipfuza kumenya n’ibindi. Ntubayagishe ku nguvu. Niwaza uramarana umwanya n’abana bawe uzosanga kuyaga na bo vyizana.”

GERAGEZA IKI KINTU: Nuyage n’abana bawe kenshi mu mwanya mugufimugufi, aho kuyaga na bo rimwe mu mwanya muremure. (Gusubira mu vyagezwe 6:6-9) Ubigenjeje gutyo, uzoba wirinze kubaremereza. Ikigeretseko, uko bagenda barakura bazomenya ivyo bakeneye kumenya bihuje n’urugero bagezemwo.

Abageze mu buyabaga:

Ico gihe haba hageze yuko uraba neza ko umwana wawe azi ibihagije mu vy’igitsina, haba ku mubiri, mu kanyengetera no mu nyifato runtu. Umwe Ana twavuga mu ntango w’imyaka 15 avuga ati: “Abahungu n’abakobwa bo kw’ishure nigako usanga biryamanira uko bashatse. Kubera ko ndi umukirisu, nibaza ko nkeneye kumenya amakuru akwiye ku vyerekeye igitsina. Naho kuyaga ivy’igitsina bishobora gutera ubuyega, ni ibintu mbwirizwa kumenya.” d

Ico ukwiye kumenya: Abana b’imiyabaga boshobora kureka kubaza ibibazo kubera biyumvira yuko abavyeyi bohava babikekako ingeso mbi. Ukwo ni ko sebibondo umwe yitwa Steven yasanze vyifashe. Avuga ati: “Umuhungu wacu yaratanguye gutinya kuyaga natwe ivy’igitsina. Ariko mu nyuma twasanze yiyumvira yuko tumwikeka. Twaramuhumurije tumubwira ko tutarondera kuyaga na we kuri ivyo bintu kubera tumwikekako ikintu kanaka, ahubwo ko twashaka gusa kwiyemeza yuko yiteguriye guhangana n’inyosha mbi.”

GERAGEZA IKI KINTU: Aho kwicarika umwana wawe w’umuyabaga umubaza ibibazo bidomako vyerekeye ikintu kanaka kijanye n’ivy’igitsina, numubaze ukuntu abo bigana babibona. Nk’akarorero, woshobora kuvuga uti: “Muri kino gihe abantu benshi biyumvira yuko kumarana inambu mu guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka atari ubusambanyi vy’ukuri. Kwoba ari ko abo mwigana bibaza?” Mwene ivyo bibazo bikikiriza vyoshobora gutuma umuyabaga yuguruka akavuga uko we abona ibintu.

Nugerageze gutsinda ubuyega

Ego ni ko, kuyaga n’abana bawe ivy’igitsina vyoshobora kuba kimwe mu bintu bitera ubuyega kurusha ibindi vyose umuvyeyi asabwa gukora. Ariko birabereye ko ugira akigoro ko kubikora. Inabibondo yitwa Diane avuga ati: “Uko haca igihe, ubuyega bugenda buragabanuka, ugasanga kwa kuyaga n’umwana wawe ivyerekeye igitsina gusigaye ari ikintu vy’ukuri gikomeza ubucuti mufitaniye.” Steven, umwe twavuga mu ntango, ukwo ni ko abibona. Avuga ati: “Igihe ugize akamenyero ko kwuguruka ku vyerekeye ikibazo cose kivyutse mu muryango, usanga birushiriza kworoha kuyaga ibintu biteye ubuyega nk’ivy’igitsina.” Yongerako ati: “Naho ivyo kwumva ubuyega bitigera bihera rwose, kuyaga mwisanzuye ni ikintu gihambaye cane gituma umuryango w’abakirisu umera neza.”

a Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

b Iki kiganiro kirerekana ko bikenewe yuko uyaga n’abana bawe ivy’igitsina kugira ngo ubarinde amakuru atari yo bohava bumva. Ikindi kiganiro co muri uru rukurikirane rw’ibiganiro kizoca irya n’ino ingene wokwigisha abana bawe inyifato runtu igihe muyaga na bo ivy’igitsina.

c Hisunzwe ivyiyumviro biri ku rupapuro rwa 171 mu gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

d Kugira ngo uyage n’umwana wawe w’umuyabaga ivy’igitsina, nukoreshe ikigabane ca 1-5, ica 28, ica 29 be n’ica 33 vy’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi (mu gifaransa), imbumbe ya 2, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

NIWIBAZE UTI . . .

Nusome amajambo akurikira yavuzwe n’urwaruka rwo hirya no hino kw’isi, uce wibaza ukuntu wokwishura ibibazo biyaherekeje.

“Abavyeyi banje bambwira ngo nsome ibiganiro bivuga ivy’igitsina hanyuma ngo ngize ikibazo nce ndababaza. Ariko noshima ko bambwira vyinshi kuri vyo.”​—Vyavuzwe na Ana wo muri Berezile.

Wibaza ko ari kubera iki bihambaye ko ugira ico ukoze aho guha gusa umwana ivyo asoma?

“Ndazi ibintu vyinshi bitari vyo ku vyerekeye igitsina, kandi nibaza ko dawe ata co abiziko. Hamwe nogira ico ndamubaza kuri ivyo bintu, yobura iyo akwirwa.”​—Vyavuzwe na Ken wo muri Kanada.

Ni ibiki vyoshobora gutuma umwana wawe agira ubwoba bwo kukuyagira ibimuraje ishinga?

“Igihe nahava nkarya umutima amenyo nkabaza abavyeyi banje ikibazo cerekeye ivy’igitsina, banyishuye nk’abanyagiriza bambaza bati: ‘None nk’ivyo ubibariza iki? Ubwo wewe nta co wakoze?’”​—Vyavuzwe na Masami wo mu Buyapani.

Igihe umwana wawe akubajije ikibazo ku vyerekeye igitsina, ukuntu uvyakira bishobora gute gutuma n’ikindi gihe bizomworohera canke bikamugora kukuyagira?

“Vyomfasha nka hamwe abavyeyi banje bompumuriza bakambwira yuko igihe bari bageze mu myaka nk’iyo ngezemwo na bo nyene babaza ibibazo nk’ivyo mbaza kandi ko ari ibisanzwe kubona nanje mbaza ibibazo.”​—Vyavuzwe na Lisette wo mu Bufaransa.

Wogira iki kugira ngo umwana wawe yumve yorohewe maze arushirize kwisanzura mu kukuyagira ivy’igitsina?

“Mawe yarambaza ibibazo vyerekeye igitsina, mugabo akabimbaza n’ijwi rihumuriza. Nibaza ko ivyo bihambaye kugira ngo umwana ntiyumve umengo bariko baramusambisha.”​—Vyavuzwe na Gerald wo mu Bufaransa.

Ukoresha ijwi rimeze gute igihe uyaga n’umwana wawe ivyerekeye igitsina? Hoba hari ico ukeneye guhindura?