Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Noba nkwiye kuja mw’idini?

Noba nkwiye kuja mw’idini?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Noba nkwiye kuja mw’idini?

▪ Woba wirinda kuja mw’idini kubera ubabazwa cane n’uburyarya be n’amacakubiri biranga abanyedini be n’abakuru b’amadini? Nimba ari ukwo biri, hari umwibutsa w’igifaransa woshobora kuvuga muri make ukuntu ubona ibintu, na wo ukaba ugira uti: “Uwuri hafi y’idini akenshi usanga ari kure y’Imana.”

Kumbure urubaha Bibiliya kandi urabona ko intwaro be n’abantu bakwiye kwubaha uburenganzira umuntu afise bwo kuba mw’idini. Ariko rero woshobora kwibaza uti: ‘Imana yoba vy’ukuri ivuga ko abipfuza kuyisenga mu buryo yemera bategerezwa kuba bari mw’idini kanaka ritunganijwe?’

Muri make, inyishu ni egome. Uti icobitwemeza ni igiki? Mbega idini iryo ari ryo ryose umuntu yohitamwo ryoba ribereye?

Reka dufate akarorero ka Yezu. Yoba yarabaye mw’idini kanaka ritunganijwe? Yezu akiri muto, yarajana n’umuryango wiwe be n’abandi Bayuda bari basanganywe umugenzo wo kuja ku rusengero i Yeruzalemu kugira bagire uruhara mu nsengo yari itunganijwe. (Luka 2:41-43) Yezu amaze gukura, yarifatanije n’Abayuda bagenziwe mu gusenga Imana kw’isinagogi yo mu karere iwabo. (Luka 4:14-16) Igihe Yezu yariko arayaga n’umugore wo mw’idini ritandukanye n’iryiwe, yavuze ati: “Twebwe dusenga ico tuzi.” (Yohani 4:22) Yezu ng’aho yarerekanye neza ko ubwiwe yari mw’idini ry’Abayuda.

Mu nyuma, Yezu yavuze ko Imana yoshibuye ugusenga guhumanye kw’Abayuda kubera bari bamuteye akagere uko bagize ihanga. (Matayo 23:33–24:2) Ariko rero, yarerekanye ko abipfuza gusenga Imana mu buryo yemera bobwirijwe kuba mu mugwi kanaka utunganijwe. Yabwiye abayoboke biwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Umwigishwa wa Kristu atifatanya n’abo basangiye ukwizera vyari bigoye ko abagaragariza urukundo. Nkako, Yezu yaravuze atomora yuko hari inzira zibiri gusa mu bijanye n’idini. Imwe muri zo yavuze ko ari inzira “nini kandi yagutse” ijana “mu mahonero.” Ku rundi ruhande, yavuze ati: “Irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora.”​—Matayo 7:13, 14.

Biratomoye rero: si inzira iyo ari yo yose yo mu vy’idini umuntu yohitamwo ari iyibereye. Bibiliya iratugabisha ku bijanye no kwifatanya n’abantu “bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.” Ijambo ry’Imana ryongerako riti: “Ubace kure.” (2 Timoteyo 3:5) Ku rundi ruhande, kumenya abari mu nzira ijana mu buzima no kwifatanya na bo biri n’ikintu kinini bitwungura. Turaremeshwa tugashigikirwa muri kino gihe tukongera tukagira icizigiro ciza cane ca kazoza.​—Abaheburayo 10:24, 25.

None womenya gute idini rigizwe n’abantu bariko baca muri iyo nzira yaga? Ubona gute urimbuye inyishu zishingiye kuri Bibiliya dusanga mu kigabane ca 15 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a Ayo makuru azogufasha guhitamwo idini ufatiye ku vyo watohoje neza.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.