Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE INTERERANO MUTANGA ZIKORESHWA

Igikoresho kidufasha kwigisha Bibiliya gitandukanye n’ibindi

Igikoresho kidufasha kwigisha Bibiliya gitandukanye n’ibindi

1 NDAMUKIZA 2022

 Muri Nzero 2021, Inama Nyobozi yaramenyesheje ko hari igikoresho gishasha kidufasha kwigisha Bibiliya casohotse citwa Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. a Iryo tangazo waryakiriye gute? Uwitwa Matthew wo muri Kanada yavuze ati: “Nararyohewe cane! Kandi naragize umunezero mwinshi igihe nariko numviriza insiguro n’amavidewo yasigura igituma ico gikoresho catunganijwe n’ingene babanje kukigerageza mu ndimiro. Naciye numva nshashaye kukibona no gutangura kugikoresha.”

 Ico gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kirimwo uburyo bushasha bwo kwigisha abandi Bibiliya. Ariko ico si co conyene gituma kiba igitandukanye n’ibindi bitabu twahora dukoresha mu kwigisha. Nimba ukoresha ico gitabu c’impapuro, urashobora kuba umaze kubona ko gitandukanye n’ibindi. Kugira umenye igituma, reka turabe ingene ico gitabu gikozwe.

Igitabu gishasha gitandukanye n’ibindi

 Impapuro zigumye. Kubera iki ivyo vyari bikenewe? Ico gitabu gifise amashusho y’amabara arenga 600. Ayo mashusho yababa ayari mu gitabu Bibiliya itwigisha iki? uyagwije incuro cumi. Vyongeye, ico gitabu gishasha kirafise ahantu henshi hatanditseko canke ata mafoto ahari. Ivyo bintu bibiri birafise intambamyi: Igihe urupapuro rworoshe, urashobora kubona ishusho iri ku ruhande rw’inyuma rw’urwo rupapuro. Kugira ivyo tuvyirinde, abavukanyi bakorera mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe ivyo gucapura ruri i Wallkill muri Amerika baragerageje ubwoko bune bw’impapuro dusanzwe dukoresha mu macapuriro yacu. Komite nshingwayandika y’Inama Nyobozi yarasuzumye ubwo bwoko bwose, ica ihitamwo ubwoko bw’impapuro butabonerana cane. Izo mpapuro zirazimvye gushika nko ku bice 16 kw’ijana kuruta izo dukoresha ku bitabu vyinshi dusohora. Naho ari ukwo, izo mpapuro zirafasha abo twigisha gusoma ico gitabu badasamazwa n’amafoto ari ku ruhande rw’inyuma rw’urupapuro.

Urupapuro rw’iburyo rwerekana impapuro zakoreshejwe mu gitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera

 Igipfukisho gikomeye kuruta. Igipfukisho c’iki gitabu gishasha kiratandukanye n’ibipfukisho vy’ibindi bitabu vyacu, kubera ko ubwoko bwaco bukomeye. Igipfukisho c’ico gitabu gishasha ntikiyagayaga nk’ibindi, ahubwo gikozwe mu buryo butuma amashusho ari kuri co aboneka neza. Ukwo kuntu ico gipfukisho gikozwe bituma kidasaza ningoga naho coba gikoreshwa cane. Ariko, amahera agura ubwoko bw’ico gipfukisho aruta nk’incuro zitanu ayagura mwene birya bipfukisho biyagayaga. Rero ibiro vy’amashami vyinshi vyarakoranye kugira baronke ibitazimvye cane.

Gutunganya ibipfukisho

 Kubera iki bahisemwo ibikoresho bizimvye gutyo? Umuvukanyi akora mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe ivyo gucapura avuga ati: “Vyitezwe ko iki gitabu gikoreshwa neza, rero twipfuza ko kiguma gisa neza naho cokoreshwa cane.” Umuvukanyi yitwa Eduardo akorera mw’icapuriro ryo kw’ishami ryo muri Brezile avuga ati: “Turahimbawe cane kubona ishirahamwe rya Yehova ryarakoresheje ibikoresho vyiza cane kugira iki gitabu kiboneke neza, kirambe kandi corohe gukoresha, ariko muri ico gihe nyene rikitwararika ko intererano zikoreshwa neza.”

Igikorwa co gucapura mu kiringo c’ikiza ca Korona

 Twatanguye gucapura ico gitabu muri Ntwarante 2021. Kubera ko twari mu kiringo ca Korona, ntivyari vyoroshe. Vyongeye, kubera ko Beteli yari yugaye, ntivyari gukunda ko mw’icapuriro dufashwa n’abakorera kuri Beteli bataha canke ngo dutumire abavukanyi bashasha ngo baze gukora baba kuri Beteli. Rero ivyo vyatumye mu macapuriro amwamwe bataronka abahakorera bakwiye, ayandi na yo aba arugarwa kubera amategeko y’igihugu.

 None izo ngorane zatorewe umuti gute? Igihe amacapuriro yasubira gukora, abavukanyi na bashiki bacu bo mu zindi nzego zo kuri Beteli bararungitswe kuba barafasha mw’icapuriro. Umuvukanyi Joel akorera mu Rwego rwo kw’isi yose rujejwe ivyo gucapura avuga ati: “Ukuntu bitanze babikunze be no kuba bari biteguriye kwiga ibintu bishasha vyaradufashije gukora ibikorwa vyari bikenewe.”

 Naho bitari vyoroshe, turamaze gucapura amakopi amamiliyoni y’igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Kubicapura bidusaba ibikoresho bitandukanye harimwo impapuro, irangi, ivyo gufatanisha impapuro n’ibindi. Mu mezi atanu ya mbere twamaze turiko turacapura ico gitabu, twakoresheje amadolari y’Abanyamerika arenga imiliyoni 2 n’ibihumbi amajana atatu (amarundi arenga imiliyaridi 4 n’inusu) mu kugura ibikoresho gusa. Kugira tuziganye, twaritwararitse gucapura gusa igitigiri c’ibitabu amashengero akeneye ubu.

“Ukuntu gitunganijwe birimwo ubuhinga”

 Abamamaji n’abiga muri ico gitabu gishasha biyumva gute igihe bariko baragikoresha? Umuvukanyi yitwa Paul wo muri Ostraliya avuga ati: “Igitabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kiraryoshe cane gukoresha ku buryo nama nshashaye kuyobora inyigisho. Gitunganijwe neza kandi kiratuma uwuriko ariga agira uruhara mu nyigisho. Kirimwo ivyiyumviro vyoroshe gutahura, ibibazo bikora ku mutima, amavidewo, amashusho, ibicapo hamwe n’imigambi uwiga yokwishingira. Ukuntu gitunganijwe birimwo ubuhinga ku buryo gituma ndyohora ubuhanga bwo kwigisha.”

 Hari uwuriko ariga Bibiliya aba muri Amerika yavuze ati: “Ndakunda cane iki gitabu gishasha. Amafoto arimwo aramfasha gutahura iciyumviro nyamukuru. Amavidewo arankora ku mutima, agatuma ngira ico nkoze.” Uwo mwigishwa yiga kabiri mu ndwi kandi yama yitaba amakoraniro.

 Amakopi amamiliyoni y’ico gitabu aracakeneye gucapurwa mu ndimi nyinshi. Nkako, Inama Nyobozi yaremeje ko iki gitabu gishirwa mu ndimi 710, mu gihe igitabu Bibiliya itwigisha iki? cashizwe mu ndimi 370 gusa.

 None amahera yo gucapura ava he? Ava mu ntererano dutanga ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose, nyinshi muri zo zikaba zitangwa biciye kuri donate.dan124.com. Turakenguruka cane agatima ko kwitanga mufise, bikaba bidufasha gusohora ibikoresho bidufasha kwiga Bibiliya ku bw’abakeneye kumenya ivyerekeye Yehova no ‘kwiberaho ibihe bidahera.’​—Zaburi 22:26.

a Casohowe kuri Televiziyo ya JW mw’ikoraniro rya buri mwaka.