Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mu gitutu c’Umusozi w’umuriro

Mu gitutu c’Umusozi w’umuriro

Ikete rivuye muri Kongo (Kinshasa)

Mu gitutu c’Umusozi w’umuriro

UKO izuba riseruka hejuru y’igisagara ca Goma, ijuru rica ribonekamwo amabara agomba gutukura be n’ayasa n’umucungwe uhiye. Ku musi ku musi turabona Umusozi Nyiragongo ubereye ijisho, ukaba ari kimwe mu birunga bikunda guturika cane kw’isi. Igipfungu c’umwotsi kiguma gifumba kiva mu kinogo amahero kiri kuri ico kirunga. Mw’ijoro ico gipfungu gica gitukura, ivyo bikaba vyerekana ko muri ico kinogo harimwo ibirunga biturira.

Mu giswahili, uwo musozi bawita Mulima ya Moto, ni ukuvuga Umusozi w’umuriro. Uwo Musozi Nyiragongo uheruka guturika bimwe bikomeye mu 2002. Ico gihe, benshi mu babanyi n’abagenzi bacu bo ng’aha i Goma baratakaje ibintu vyose. Mu turere tumwetumwe two muri ako karere aho twe n’umunega wanje twamamaza, tugenda turaca ahantu hari ibitandara vy’ibirunga vyumye, ivyo bigaca bituma nibaza ukuntu kugendagenda ku kwezi vyoshobora kuba bimeze. Abantu bo muri ako karere barahushanye n’ivyo bitandara vy’ibirunga. Ni abanyagishika, bakaba kandi bafise umutima witeguriye kwakira inkuru nziza twamamaza. Ivyo biratuma gukorera muri ico gitutu c’Umusozi w’umuriro biba ikintu giteye umunezero.

Ku wa gatandatu mu gitondo, si je mbona burakeye. Twe n’umunega wanje, turi kumwe n’abagenzi baje kuturamutsa hamwe n’abamisiyonari bagenzi bacu, tuza kumara umusi wose turiko turamamaza mw’ikambi y’impunzi ya Mugunga, iri hanze y’ico gisagara amaja mu burengero. Benshi mu baba ng’aho bahunze ibitero biranga ubukazi vyagabwe ku bisagara vyabo kavukire.

Turapakira mw’ikamyo ibitabu bishingiye kuri Bibiliya vy’igifaransa, ivy’igiswahili be n’ivy’ikinyarwanda, tugaca duhaguruka. Igihe turiko turaca mw’Ibarabara rya Sake ryuzuyemwo ibinogo, muri ico gisagara haratangura kuba uruja n’uruza. Abasore bariko barasunika utuntu tumeze nk’udupikipiki dukozwe mu biti dupakiyeko imizigo myinshi twitwa chukudus. Abagore bambaye ibikwembe vy’amabara menshi bariko baragendera iruhande y’ibarabara mu buryo buryoheye ijisho bikoreye imitekero. Amapikipiki yunguruza abantu ariko aracanacanako abatwara ku kazi no kw’isoko. Hirya no hino muri ako karere hakwiragiye amazu y’imbaho asize ibara rigomba kwirabura, akaba kandi asharijwe n’imirongorongo y’ubururu ikikuje imiryango n’amadirisha.

Turashika ku Ngoro y’Ubwami y’i Ndosho kugira ngo duhure n’Ivyabona vya Yehova bagenzi bacu tuza kujana kwamamaza mw’ikambi. Ndakorwa ku mutima no kubona abakiri bato, abapfakazi, impfuvyi be n’abafise amagara make. Benshi muri bo barashikiwe n’imibabaro ikomeye mugabo ubuzima bwabo bwararushirije kumera neza kubera ko bahisemwo gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Icizigiro Bibiliya itanga kirarurumba mu mitima yabo, kandi barashashaye kukibwira abandi. Inyuma y’ikoraniro rimara akanya gatoya ryo kutugira inama ku bijanye n’ivyanditswe vyoshobora kuremesha abo duhura, twese uko turi 130 tururira amabisi atanu hamwe n’imiduga ine y’insimbabisaka.

Haciye nk’iminuta 30, turashika mw’ikambi. Turabona uduhema twera amajana n’amajana dushinzwe ahantu hari ibibuyebuye vy’ibirunga. Muri iryo kambi hari utuzu twa surwumwe twa bose twubatswe ku mirongo be n’ahantu abantu bose bamesurira. Ahantu hose hari abantu: uri abamesura, aboza ivyombo, abateka, abatonora ibiharage, n’abakubura imbere y’amahema yabo.

Turahura n’umugabo yitwa Papa Jacques, ajejwe igice kinaka c’iryo kambi. Ararajwe ishinga no kurera abana biwe muri ibi bihe bitoroshe. Arahimbarwa cane igihe tumusigiye igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi, maze akavuga yuko yipfuza kugisoma agaheza agakoranya imigwi mitomito y’abantu kugira ngo ababwire ivyo yiga.

Hirya gatoyi, turahura n’umukenyezi yitwa Mama Béatrice. Aratubaza igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro. Yibaza yuko Imana itegerezwa kuba iriko iramuhana. Umunega wiwe yarahitanywe n’intambara, umukobwa wiwe yireranye umwana akaba agwa avyuka kugira ngo amurerere muri iyo kambi, umuhungu wiwe na we amaze amezi atari make anyurujwe. Ntazi irengero ryiwe.

Ivyo bintu bibabaje Mama Béatrice atwiganira biranyibutsa ukuntu Yobu ategerezwa kuba yarumvise amerewe igihe yabwirwa ya makuru yose y’akavunamutima. Turereka uwo mukenyezi igituma abantu bashikirwa n’imibabaro maze tukamusubiriza umutima mu nda yuko imibabaro arimwo atari igihano Imana yamuhaye. (Yobu 34:10-12; Yakobo 1:14, 15) Turamwereka kandi ibintu Imana yimirije guhindura kw’isi biciye ku Bwami bwayo. Aca atangura kumwenyura, akavuga yuko yiyemeje kubandanya kwiga Bibiliya no gusenga Imana ngo imufashe.

Umuntu wese twari kumwe uyu musi yahimbawe, kandi twese turabona yuko Yehova yadufashije vy’ukuri gutuma abantu twahuye bagira icizigiro kandi barema. Igihe turiko turava muri iyo kambi, abantu benshi bahaba baraduza udupapuro twabo tw’inkuru nziza, ibinyamakuru vyabo be n’ibitabu vyabo maze bakabizungagiza mu kudusezera.

Igihe turiko turasubira i muhira turaronka akanya ko kuzirikana. Ndakenguruka cane ku bw’uwo musi udasanzwe. Ndibuka ukuntu Papa Jacques yagaragaje ugukenguruka, ukuntu Mama Béatrice yerekanye mu maso ko aruhuriwe, ukuntu umutamakazi umwe yandamukije n’igishika mu kunkora mu minwe, uno akaba yamvugisha mu kumwenyurira gusa. Ndibuka abana b’imiyabaga babajije ibibazo birimwo ubwenge bakongera bakerekana ko baciye uruma naho bakiri bato. Ndashima cane ugushikama nabonye mu bantu bashobora kubandanya kumwenyura no gutwenga naho bari mu mibabaro itovugwa.

Muri ico gice c’isi, turabona utwigoro tuvuye ku mutima tugirwa n’abandi bantu benshi bariko baragerageza guhumuriza abari mu mibabaro. Uno musi, twatewe agateka kadasanzwe ko gukoresha Bibiliya mu kwereka abantu umuti urama w’ingorane zabo. Ndahimbawe rwose kuba ndi umwe mu bantu bariko barakora igikorwa co gutabara mu buryo bw’impwemu gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho.