Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umutware yihishije w’isi ashirwa ahabona

Umutware yihishije w’isi ashirwa ahabona

Umutware yihishije w’isi ashirwa ahabona

“IGIHE kimwe, Yezu yabwiye abantu ati: “Umutware w’iyi si agira atabwe hanze.” Mu nyuma yavuze yuko ‘umutware w’isi ata bubasha amufiseko’ be n’uko “umutware w’iyi si [y]aciriwe urubanza.” (Yohani 12:31; 14:30; 16:11) Ni nde none Yezu yariko aravuga?

Turavye ivyo Yezu yariko aravuga kuri uwo “mutware w’iyi si,” biribonekeza ko adashobora kuba yariko aravuga Se wiwe Yehova Imana. None “umutware w’iyi si” ni nde? ‘Azotabwa hanze’ gute, kandi ni gute ‘yaciriwe urubanza’?

“Umutware w’iyi si” yiyerekana

Nka kurya nyene inkozi y’ikibi karuhariwe usanga akenshi yiratira ububasha ifise, ni ko na Shetani yagize igihe yariko arageza Yezu, Umwana w’Imana. Amaze kwereka Yezu “ubwami bwose” bw’isi, yaciye amubwira ati: “Ndaguha ubwo bubasha bwose n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha. Wewe rero, niwapfa kwikubita imbere yanje ukansenga, vyose biraba rwawe.”​—Luka 4:5-7.

Nimba Shetani ari uburyo gusa abantu biyumvira ikibi nk’uko bamwebamwe babivuga, ico kigeragezo coca gisigurwa gute? Yezu yoba yariko ageragezwa n’iciyumviro kibi cari muri we canke ukwijijanya imitima ashobora kuba yaragize inyuma y’ibatisimu yiwe? Nimba ari ukwo biri, vyovugwa gute ko “[a]ta gicumuro kiri muri we”? (1 Yohani 3:5) Yezu ntiyahakanye ko Shetani afise ububasha ku muryango w’abantu, ahubwo yaravyemeje koko mu kuvuga yuko Shetani ari “umutware w’isi,” be n’uko ari “umwicanyi” n’“umunyakinyoma.”​—Yohani 14:30; 8:44.

Haciye nk’imyaka 60 Kristu ageragejwe na Shetani, intumwa Yohani yaribukije abakirisu akosho gakomeye Shetani afise mu kuvuga yuko “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” Yohani yavuze kandi yuko uwo Shetani ari we “azimiza isi yose.” (1 Yohani 5:19; Ivyahishuwe 12:9) Si agaseseshwarumuri, Bibiliya irerekana yuko ikiremwa c’impwemu kitaboneka ari co “mutware w’isi.” Ariko none, afise akosho kangana iki ku muryango w’abantu?

Umutware w’isi araha ububasha abo bafadikanije

Igihe intumwa Paulo yandika ibijanye n’intambara abakirisu barimwo yo kurwanira ukwizera, yarashize ahabona abansi babo babi kuruta abandi bose. Yavuze adacisha ku ruhande ati: “Dufise intambara yo kunigana, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro, n’ubukuru, n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Iyo ntambara rero si iyo kurwana n’abo kw’isi gusa, kuko atari ukurwana “n’abantu b’amaraso n’inyama.” Ahubwo ni ukurwana n’“ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha.”

Ivyo “binyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha” si uburyo gusa abantu bapfa kwiyumvira ikibi, ahubwo ni ibiremwa vy’impwemu bikomeye kandi vy’ibibisha. Ku bw’ivyo, Shetani akoresha ububasha bwiwe abicishije ku bandi bamarayika b’abagarariji bataye “ahantu habo ho kuba hababereye” mw’ijuru.​—Yuda 6.

Igitabu c’ubuhanuzi co muri Bibiliya citwa Daniyeli kirashira ahabona ukuntu abo “batware b’iyi si” bamye baganza isi kuva kera. Kubera ko Daniyeli yari arajwe ishinga n’Abayuda bagenziwe bari baragarutse i Yeruzalemu bavuye mu bunyagano i Babiloni mu 537 B.G.C. (B.G.C. bisobanura imbere y’igihe cacu), yaramaze indwi zitatu abasengera. Imana yararungitse umumarayika ngo asubirize umutima mu nda Daniyeli. Uwo mumarayika yarabwiye Daniyeli igituma yatevye gushika, ati: “Umuganwa w’akarere kaganzwa n’Ubuperesi yari ahagaze andwanya, imisi mirongo ibiri n’umwe.”​—Daniyeli 10:2, 13.

Uwo ‘muganwa w’Ubuperesi’ yari nde? Biragaragara ko uwo mumarayika atariko avuga Umwami Kuro w’Ubuperesi, kuko uwo mwami ico gihe yari asanzwe araba ryiza Daniyeli n’abantu biwe. Kanatsinda, umwami w’umuntu buntu yoshobora gute kunanira ikiremwa c’impwemu mu kiringo c’indwi zitatu kandi tuzi yuko umumarayika umwe gusa yafyese abasoda 185.000 mw’ijoro rimwe ritarenga? (Yesaya 37:36) Uwo ‘muganwa w’Ubuperesi’ yamurwanije nta gukeka ko yari umukozi wa Shetani, ni ukuvuga idayimoni yahawe kuganza akarere k’Inganji y’Ubuperesi. Iyo nkuru yerekana yuko mu nyuma uwo mumarayika w’Imana yavuze ko yosubiye kurwana n’uwo “muganwa w’Ubuperesi” be n’“umuganwa w’Ubugiriki,” na we nyene akaba yari idayimoni.​—Daniyeli 10:20.

Ivyo none vyerekana iki? Vyerekana yuko vy’ukuri hariho “abatware b’iyi si” bataboneka, ni ukuvuga amadayimoni afadikanije kuganza isi ayobowe n’umukuru wayo ari we Shetani wa Mubesheranyi. None ni igiki bamye barondera gushikako kugeza uno musi?

Umutware w’isi yerekana neza akaranga kiwe nyakuri

Mu gitabu ca nyuma co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe, intumwa Yohani iravuga ukuntu Yezu, ari Mikaheli umumarayika mukuru, atsinda Shetani n’amadayimoni yiwe, ikongera ikavuga ingaruka ziteye agahinda ziterwa n’ukuba barirukanywe mw’ijuru. Havuga hati: “Haragowe isi . . . kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.”​—Ivyahishuwe 12:9, 12.

Shetani yerekanye gute ishavu ryinshi? Nk’uko nyene inkozi z’ikibi nyinshi zigeze aho umwansi ashaka usanga zivuga ngo ‘ntegeke vyanse nsambure,’ ni ko na Shetani n’amadayimoni yiwe biyemeje gutuma isi n’abayibako bahonera hamwe na bo. Kubera ko Shetani azi yuko asigaje igihe gito, aramaze igihe kirekire akoresha umwe mu mice nyamukuru igize ikibano c’abantu aganza, ni ukuvuga ivy’urudandaza rukomeye, kugira aremeshe abantu kugura ibintu vyinshi n’umunoho n’akantu. Ivyo biragabanya cane ubutunzi kama bw’isi bikongera bigahonya ibidukikije kw’isi yose, bigatuma kazoza k’umuryango w’abantu kageramirwa.​—Ivyahishuwe 11:18; 18:11-17.

Kuva abantu batanguye kubaho, inyota Shetani afise yo gutegeka yaribonekeje no mu vya politike be no mu vy’idini. Igitabu c’Ivyahishuwe kigereranya intwaro za politike n’ibikoko Shetani yahaye “ububasha bwinshi.” Kirerekana kandi ko ari agaterasoni kubona idini ryinjira mu vya politike, ivyo kikavyita ukurenga ibigo gusesemye mu nyonga z’Imana. (Ivyahishuwe 13:2; 17:1, 2) Iyumvire nawe agahahazo, ukugira abandi abaja, intambara be n’amatati ashingiye ku moko vyabaye mu binjana n’ibindi bigahitana ubuzima bw’abantu amamiliyoni. Ubwo hari uwovugisha ukuri yuko ibintu vy’agahomerabunwa kandi biteye ikinya vyabaye muri kahise k’abantu ari ibintu bisanzwe? Canke riho ni ibintu vyakozwe biturutse ku kosho k’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha bitaboneka?

Bibiliya irashira ahabona itihenda uwamye akoresha ku rwenge abategetsi b’abantu be n’intwaro zikomakomeye z’isi. Ikibano c’abantu, caba kibizi canke kitabizi, kiragaragaza kamere y’umutware waco be na ca civugo ciwe ngo ‘ntegeke vyanse nsambure.’ Ariko none, umuryango w’abantu uzotezwa amarushwa n’intwaro ya Shetani gushika ryari?

Ivyiwe bigiye kurangira

Igikorwa Kristu yaranguye kw’isi mu kinjana ca mbere carerekanye ko Shetani n’amadayimoni yiwe bagiye gukurwaho. Igihe abigishwa biwe bamwiganira ingene bari birukanye amadayimoni ataboneka, yababwiye ati: “Nabonye Shetani amaze gukoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.” (Luka 10:18) Mu kuvuga ayo majambo, Yezu yariko aranezererwa intsinzi yotahukanye mu gutsinda umutware w’isi igihe yobaye amaze gusubira mw’ijuru ari Mikaheli Umumarayika mukuru. (Ivyahishuwe 12:7-9) Umuntu atohoje yitonze ubuhanuzi bwo muri Bibiliya asanga iyo ntsinzi yabaye mw’ijuru mu 1914 canke inyuma gatoyi yaho. *

Kuva muri uwo mwaka, Shetani arazi ko hasigaye igihe gito agakurwaho. Naho ‘isi yose iri mu bubasha bwiwe,’ muri iki gihe hariho abantu amamiliyoni batazimijwe n’amayeri ya nyuma agerageza gukoresha ngo abigarurire. Bibiliya yarabahumuye amaso barabona akaranga kiwe nyakuri n’imigabo yiwe. (2 Abakorinto 2:11) Barahumurizwa n’amajambo Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe ati: “Ya Mana itanga amahoro, vuba izofyonyora Shetani munsi y’ibirenge vyanyu.” *​—Abaroma 16:20.

Vuba Shetani ivyiwe bigiye kurangira! Igihe abagororotsi bazoba barongowe n’intwaro iranga urukundo ya Kristu, bazohindura isi ibe Iparadizo. Ubukazi, urwanko n’umwina bizoba vyavuyeho ubutakigaruka. Bibiliya iti: “Ivya kera ntibizokwibukwa.” (Yesaya 65:17) Abo bose bavavanura n’umutware w’iyi si akora yihishije, bakava munsi y’ububasha bwiwe, bazokwiruhutsa koko!

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 20 Ushaka amakuru y’ido n’ido kuri uwo mwaka, raba amakuru y’inyongera y’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ku rupapuro rwa 215 gushika ku rwa 218.

^ ing. 21 Ayo majambo Paulo yavuze arahuye n’ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya buri mw’⁠Itanguriro 3:15, ubwari bwarerekanye yuko Shetani amaherezo azokurwaho. Mu kuvuga ivy’ico kintu, Paulo yakoresheje ijambo ry’ikigiriki risobanura “kujanjagura, kumenagura, gusavya ikintu mu kugifyonyora.”​—Vine’s Complete Expository Dictionary of Old and New Testament Words.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]

Igihe abagororotsi bazoba barongowe n’intwaro iranga urukundo ya Kristu, bazohindura isi ibe Iparadizo