Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Harumagedoni ni iki?

Harumagedoni ni iki?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Harumagedoni ni iki?

▪ Abantu benshi iyo bumvise ijambo “Harumagedoni” baca babona ibintu bijanye n’agatikizo ruhonyanganda, nk’intambara ruhonyanganda, ivyago vy’ivyaduka bitema bigatongora, canke mbere agatikizo gaturutse ku bidukikije kubera ubushuhe bwinshi bw’isi. Muri Bibiliya, iryo jambo nta na hamwe ryerekeza kuri ivyo bintu. None Harumagedoni ivugwa muri Bibiliya, ni iki?

Ijambo “Harumagedoni” (“Haru-Magedoni”) riboneka muri Bibiliya mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ryerekeza ku ntambara idasanzwe, “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,” muri yo “abami b’isi yose” bakaba bazohaguruka ngo barwane n’Imana mu ntambara ya nyuma. Ivy’iyo ntambara biravugwa no mu yindi mirongo itari mike yo muri Bibiliya.​—Ivyahishuwe 16:14-16; Ezekiyeli 38:22, 23; Yoweli 3:12-14; Luka 21:34, 35; 2 Petero 3:11, 12.

Ni ibiki bizova muri iyo ntambara? Igitabu c’Ivyahishuwe kitubwira mu mvugo ngereranyo, giti: “Abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kurwana n’umwe yicaye kuri ya farasi hamwe n’ingabo ziwe.” Uwo “yicaye kuri ya farasi” ni Umwana w’Imana Yezu Kristu, uwo Imana yagenye ngo ayobore inteko z’abamarayika barwana intambara maze abashikane ku gutsinda abansi b’Imana. (Ivyahishuwe 19:11-16, 19-21) Muri Yeremiya 25:33 harahishura ingene abantu batibanga Imana bazotikizwa ari benshi, hati: “Abishwe na Yehova kuri uwo musi bazohera koko ku mpera imwe y’isi bashike ku yindi.”

Kubera iki none Harumagedoni ikenewe? Amahanga ntashaka kwemera ubusegaba bw’Imana, ahubwo atangaza ubusegaba bwayo bwite. (Zaburi 24:1) Ubugarariji bwayo buradondorwa muri Zaburi 2:2, ahagira hati: “Abami b’isi barahagaze kandi abategetsi bakurubakuru bakoraniye hamwe nk’umuntu umwe ngo barwanye Yehova n’uwo yarobanuje amavuta.”

Mu bisanzwe, abo bagarariji bameze nk’abantu bigaruriye amatongo n’akagagazo batavuga gusa ko ayo matongo ari rwabo ariko kandi bayakoresha nabi bakongera bakayonona. Amahanga ariko arahonya isi yongera atosekaza ibidukikije. Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze ukwo kuntu ibintu vyifashe nabi, riti: “Amahanga yaratse, kandi uburake bw’[Imana] buraza.” Imana rero izoca “[i]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Harumagedoni ni uburyo Imana yahisemwo gukoresha kugira itorere umuti ikibazo cerekeye uwufise uburenganzira bwo gutegeka abantu bose.​—Zaburi 83:18.

Harumagedoni izoba ryari? Umwana w’Imana yarabisiguye neza ati: “Ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Matayo 24:36) Naho ari ukwo, igihe wa Mwami arwana intambara Yezu Kristu yariko avuga ibijanye na Harumagedoni, yagabishije kandi ati: “Ehe ndaje nk’igisuma. Hahiriwe uwuguma arikanuye.” (Ivyahishuwe 16:15) Ku bw’ivyo, iyo ntambara yo kw’isi yose irafitaniye isano n’ukuhaba kwa Kristu, ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bukaba bwerekana ko ubu turi mu gihe c’ukuhaba kwiwe.

Harumagedoni izotikiza gusa inkozi z’ikibi zitigarura, kandi hari “isinzi rinini” rizorokoka. (Ivyahishuwe 7:9-14) Bazokwibonera iranguka ry’aya majambo agira ati: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:10, 11.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 10]

“Abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi”