Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wokwiyegereza Imana gute?

Wokwiyegereza Imana gute?

Niwige Ijambo ry’Imana

Wokwiyegereza Imana gute?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Imana yoba yumviriza amasengesho yose?

Yehova asaba abantu bo mu mahanga yose ngo bamwiyegereze mw’isengesho. (Zaburi 65:2) Mugabo ntiyumviriza amasengesho yose. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bashishikara gukora ibibi, Imana yaranse kwumviriza amasengesho yabo. (Yesaya 1:15) Vyongeye, amasengesho aturwa n’umugabo afata nabi umukenyezi wiwe arashobora gutangirwa. (1 Petero 3:7) Yamara, Imana irumviriza mbere abacumuzi katwa mu gihe bigaye.​—Soma Ngoma 33:9-13.

2. Dukwiye gusenga gute?

Kubera ko isengesho ari agateka rikaba kandi ari kimwe mu bintu bigize ugusenga kwacu, dukwiye gusenga Yehova gusa. (Matayo 4:10; 6:9) Kubera yuko tudatunganye tukaba rero tudashobora ‘kuza kuri Data,’ dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu kuko ari we “nzira” yashizweho. (Yohani 14:6) Yehova ntiyipfuza ko tuza turasubiramwo amasengesho twafashe ku mutwe canke yanditse ahantu, mugabo yipfuza ko tumusenga tubikuye ku mutima.​—Soma Matayo 6:7; Abafilipi 4:6, 7.

Umuremyi wacu arashobora mbere kwumva amasengesho atuwe mu gacerere. (1 Samweli 1:12, 13) Adusaba kumusenga ibihe vyose, nk’akarorero igihe umusi utanguye canke urangiye, mu bihe vyo gufungura, be n’igihe dushikiwe n’ingorane.​—Soma Zaburi 55:22; Matayo 15:36.

3. Ni kubera iki abakirisu bakoranira hamwe?

Kwiyegereza Imana ntivyoroshe kubera yuko dukikujwe n’abantu batizera Imana kandi bakengera umuhango yatanze wo kuzana amahoro kw’isi. (2 Timoteyo 3:1, 4; 2 Petero 3:3, 13) Ku bw’ivyo, turakeneye kwifatanya mu buryo buremesha n’abo dusangiye ukwemera.​—Soma Abaheburayo 10:24, 25.

Urashobora kwiyegereza Imana igihe ugiraniye ubugenzi n’abantu bayikunda. Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova aratuma umuntu aronka uturyo two kwungukira ku kwizera kw’abandi.​—Soma Abaroma 1:11, 12.

4. Kuzirikana bishobora gute gutuma urushiriza kwiyegereza Imana?

Woshobora kwiyegereza Yehova mu kuzirikana ivyo wiga mw’Ijambo ryiwe. Nuzirikane ibikorwa vyiwe, ubuyobozi atanga be n’ivyo yasezeranye. Kuzirikana ubijanisha n’isengesho biratuma urushiriza gutahura urukundo rw’Imana n’ubukerebutsi bwayo.​—Soma Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1-3.

Ushobora kwiyegereza Imana mu gihe gusa uyizigira kandi ukayizera. Mugabo ukwizera kumeze nk’ikintu gifise ubuzima gikeneye kugaburirwa. Utegerezwa kwama ugaburira ukwizera kwawe mu kuza urazirikana ishingiro ry’ivyo wemera.​—Soma 1 Abatesalonika 5:21; Abaheburayo 11:1, 6.

5. Kwiyegereza Imana bizokumarira iki?

Yehova aritwararika abamukunda. Arabarinda ikintu cose coshobora guhungabanya ukwizera kwabo be n’icizigiro bafise co kubaho ibihe bidahera. (Zaburi 91:1, 2, 7-10) Aratugabisha ku bijanye n’uburyo bwo kubaho bwoshobora kugirira nabi amagara yacu bukongera bugatuma dutakaza umunezero. Yehova aratwigisha uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose.​—Soma Zaburi 73:27, 28; Yakobo 4:4, 8.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 17 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.