Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yarabeshewe!

Yarabeshewe!

Ku Bw’urwaruka

Yarabeshewe!

YOZEFU​—IGICE CA 2

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Niwiyumve nk’uko abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru biyumva. Nubone ibivugwa muri iyo nkuru nk’ibiriko biraba koko.

Abantu nyamukuru bavugwamwo: Yozefu, Potifari n’umugore wiwe

Incamake: Yozefu apfunzwe ku karenganyo, mugabo Yehova ari kumwe na we.

1 NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 39:7, 10-23.

Wumva muka Potifari yavuze amerewe gute igihe yabeshera Yozefu?

․․․․․

Nudondore ukuntu wiyumvira ko iyo nzu y’ibohero yari imeze.

․․․․․

Ni ibiki Yozefu bamugiriye agishika mw’ibohero? (Icogufasha kubimenya: Raba Zaburi 105:17, 18.)

․․․․․

2 NURUSHIRIZE KWIMBA.

Iyo ukwizera kwa Yozefu kugabanuka, yari guhava yihenda akiyumvira gute igihe yari mw’ibohero? (Icogufasha kubimenya: Raba Yobu 30:20, 21.)

․․․․․

Ni igiki kitwereka ko Yozefu atigeze avuga ko Yehova ari we yatumye ashikirwa n’imibabaro? (Icogufasha kubimenya: Raba Itanguriro 40:8; 41:15, 16.)

․․․․․

Wewe ubona ari kamere izihe zafashije Yozefu kwihangana igihe yari apfunzwe ku karenganyo? (Icogufasha kubimenya: Soma wongere uzirikane kuri ibi vyanditswe: Mika 7:7; Luka 14:11; Yakobo 1:4.)

․․․․․

Ni ibiki Yozefu yigiye mw’ibohero, kandi ivyo bishobora kuba vyamufashije gute mu nyuma mu buzima? (Icogufasha kubimenya: Raba Itanguriro 39:21-23; 41:38-43.)

․․․․․

3 NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ivyiza abihangana bironkera.

․․․․․

Ivyo ingorane zishobora kukwigisha.

․․․․․

Ukuntu Yehova adufasha igihe turi mu ngorane.

․․․․․

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Vyoba bimaze kugushikira ukumva ubuze amahoro canke ukumva irungu? Naho woba wari muri izo ngorane, ni gute Yehova ashobora kuba yariko aragufasha? (Icogufasha kubimenya: Soma wongere uzirikane ku 1 Abakorinto 10:13.)

4 NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

․․․․․

Nimba udafise Bibiliya, nuyisabe Ivyabona vya Yehova canke uyisome ku muhora wa Internet, kuri www.watchtower.org