Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuntu ahimbara umutima wa Yehova

Umuntu ahimbara umutima wa Yehova

Umuntu ahimbara umutima wa Yehova

IYO uzirikanye ku bijanye na Dawidi umwe avugwa muri Bibiliya, ni igiki uca ubona mu bwenge? Woba uca ubona ukuntu yatsinze ca gihangange Goliyati c’Igifilisitiya? Ingene yahungiye mu gahinga kubera Umwami Sauli yamurwanya? Icaha yakoranye na Bati-sheba be n’ingorane vyamukwegeye? Canke kumbure woba uca ubona amajambo ndyoshamvugo yavuze ahumekewe n’Imana azigamwe muri Bibiliya mu gitabu ca Zaburi?

Dawidi yaratewe uduteka twinshi mu buzima bwiwe, aratsinda akatari gake, yongera ashikirwa n’ivyago. Yamara, ico tumushimako kuruta ibindi vyose ni ivyo umuhanuzi Samweli yamuvuzeko, yuko yobaye “umuntu ahimbara umutima” wa Yehova.​—1 Samweli 13:14.

Ayo majambo Samweli yavuze yarangutse igihe Dawidi yari akiri muto. Ntiwoshima nawe kuvugwa ko uri umuntu ahimbara umutima wa Yehova? None ni igiki mu vyaranze ubuzima bwa Dawidi, na canecane igihe yari akiri muto, vyogufasha kumera gutyo? Reka tubirabe.

Umuryango wiwe n’igikorwa yakora

Yese, se wa Dawidi akaba n’umwuzukuru wa Rusi na Bowazi, ashobora kuba yari umuntu ayobokera Imana. Igihe Dawidi na bene wabo indwi be na bashikiwe babiri bari bakiri bato, Yese yarabigishije rya Tegeko rya Musa. Muri imwe mu mazaburi Dawidi yanditse, avuga ko ari umwana w’“umushumbakazi” wa Yehova. (Zaburi 86:16) Ivyo vyatumye bamwe babona ko nyina wa Dawidi, naho atavugwa izina muri Bibiliya, na we nyene yafashije kugira ngo Dawidi abe umuntu akunda Imana. Incabwenge imwe ivuga yuko Dawidi “ashobora kuba yatanguye kwumva inkuru nziza igitangaza y’ivyo Imana yari yarakoreye abasavyi bayo ayibwiwe na nyina wiwe,” harimwo na ya nkuru ya Rusi na Bowazi.

Dutangura kwumva ivya Dawidi ari agahungu k’akungere kajejwe kuragira intama za se. Ico gikorwa gishobora kuba casaba ko amara amasaha menshi ijoro n’umurango ari wenyene mu gahinga. Sa n’uwubona ukuntu vyari vyifashe.

Umuryango wa Dawidi waba i Betelehemu, agasagara kari kw’isonga no ku nkike z’umwe mu mirambi ya Yuda. Imirima y’urubuyebuye yari irya n’ino ya Betelehemu yaramera cane intete. Ku nkike z’uwo murambi zidahanamye cane no mu mwonga hari imirima y’ivyamwa, iy’imyelayo be n’iy’imizabibu. Mu gihe ca Dawidi, udutumba tutaba turiko imirima dushobora kuba ari two baragiramwo. Utereje amaso hirya waca ubona agahinga ka Yuda.

Igikorwa Dawidi yakora carimwo akaga. Muri iyo mirambi, yarahanganye n’intambwe be n’idubu vyagomba bimutware intama. * Ako gahungu k’umutima rugabo karomye inyuma nya bimwenyi, karavyica, gakura intama mu kanwa kavyo. (1 Samweli 17:34-36) Ico gihe hashobora kuba ari ho Dawidi yarushirije kuba umuhanga mu vyo gukoresha umugozi bateresha amabuye. Hafi y’igisagara cabo hari akarere ka Benyamini. Ba bagabo karuhariwe mu vyo gutera amabuye bo muri uwo muryango baragema “gushika ku bwaguke bw’agashatsi kandi nt[ib]ahushe.” Na Dawidi kwari ukwo.​—Abacamanza 20:14-16; 1 Samweli 17:49.

Ntiyapfisha ubusa umwanya

Igihe umwungere yaba ari kuragira, kenshi na kenshi wasanga ari wenyene kandi atekanye. Mugabo Dawidi ntiyareka ngo yicwe n’irungu. Ahubwo riho, ibihe nk’ivyo vyaramuronsa uturyo twinshi two kuzirikana. Biboneka ko bimwebimwe mu vyo yazirikanyeko dusanga mu mazaburi yiwe yabizirikanyeko akiri muto. Muri ivyo bihe yaba ari wenyene, hoba ari ho yazirikanye ku kibanza umuntu afise mu vyaremwe akongera akazirikana ku bitangaza vyo mu majuru nk’izuba n’ukwezi n’inyenyeri, “ibikorwa vy’intoke” za Yehova? Mu mirima yari irya n’ino ya Betelehemu, hoba ari ho yazirikaniye ivyerekeye ubutaka bwimbuka, ibitungwa n’impfizi, inyoni n’“ibikoko vyo mu gahinga”?​—Zaburi 8:3-9; 19:1-6.

Ivyo Dawidi yiboneye ari umwungere bibwirizwa kuba vyaratumye arushiriza kwiyumvamwo yuko Yehova akunda intahemuka ziwe. Ni co gituma Dawidi yaririmvye ati: “Yehova ni Umwungere wanje. Nta co nzobura. Amvyagiza mu maragiriro yuzuye ubwatsi; anjana iruhande y’ahantu h’ukuruhukira havomerewe neza. Naho nogendera mu mubande w’igitutu kizitanye, nta kintu kibi na kimwe ntinya, kuko uri kumwe nanje; inkoni yawe n’ikibando cawe ni vyo bimpoza.”​—Zaburi 23:1, 2, 4.

Ushobora kuba uriko uribaza uti: ‘None ivyo vyose vyoba binyerekeye?’ Ico womenya co ni uko kimwe mu vyatumye Dawidi aba umugenzi somambike wa Yehova maze akitwa “umuntu ahimbara umutima wiwe” ari uko yari yarazirikanye cane ata gufyina ku bikorwa vya Yehova no ku bucuti yari afitaniye n’Imana. Nawe vyoba ari ko biri?

Vyoba birashika ukumva uvyuriwe umutima wo gushemeza no kuninahaza Umuremyi uhejeje kuzirikana witonze ku mice imwimwe y’igikorwa c’intoki ziwe? Vyoba birashika ukumva ukunze cane Yehova ubonye kamere ziwe zigaragarira mu vyo agirira abantu? Mu bisanzwe, kugira ngo wiyumvemwo Yehova gutyo, urakeneye gufata umwanya wo kuzirikana utekanye kandi ujanisha n’isengesho kw’Ijambo ryiwe no ku vyo yaremye. Ukwo kuzirikana kurashobora gutuma urushiriza kumenya Yehova, gutyo ukamukunda. Abato n’abakuze barashobora guterwa ako gateka. Biboneka ko Dawidi yagiranye ubugenzi somambike na Yehova kuva akiri muto. Tuvyemezwa n’iki?

Arobanuzwa amavuta

Igihe vyaboneka ko Umwami Sauli atakibereye kuyobora abasavyi b’Imana, Yehova yabwiye umuhanuzi Samweli ati: “Uzogandarira Sauli gushika ryari kandi jewe namwanse ngo ntaganze Isirayeli? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese Umunyabetelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.”​—1 Samweli 16:1.

Samweli ashitse i Betelehemu, yabwiye Yese ngo ahamagare abahungu biwe. None ni nde Samweli yari kurobanuza amavuta ngo abe umwami? Aho Samweli aboneye Eliyabu imfura ya Yese, uwari umuhungu w’akaranga, yaciye yiyumvira ati: ‘Ni uyu basi!’ Mugabo Yehova yaciye amubwira ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.” Abinadabu, Shama n’abandi bahungu bane ba Yese na bo nyene Yehova ntiyabashimye. Iyo nkuru ibandanya iti: “Amaherezo Samweli abwira Yese ati: ‘Aba ni bo bahungu bose?’ Na we avuga ati: ‘Haracasigaye umuhererezi, kandi ehe aragiye intama.’”​—1 Samweli 16:7, 11.

Ni nk’aho Yese yashaka kuvuga ati: ‘Nawe nu Dawidi si we woba urondera.’ Kubera ko Dawidi yari umuhererezi akaba n’uwo hanyuma y’abandi bose mu muryango, ni we bari barashinze kuragira intama. Mugabo ni we nyene Imana yari yaratoye. Yehova abona ico umutima uri, kandi biboneka ko hari ikintu c’agaciro kanini yabonye muri ako gahungu. Aho rero Yese atumiyeko Dawidi akaza, Yehova yabwiye Samweli ati: “‘Haguruka umurobanuze amavuta, kuko ari uyu!’ Samweli rero atora rya hembe ry’amavuta, arayamurobanuza hagati ya bene wabo. Nuko impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi.”​—1 Samweli 16:12, 13.

Bibiliya ntivuga imyaka Dawidi yari afise ico gihe. Ariko mu nyuma, bakuruwe batatu ari bo Eliyabu, Abinadabu na Shama, bari basigaye bari mu ngabo za Sauli. Abandi bahungu batanu ba Yese bashobora kuba bari bakiri bato ku buryo batashobora kujana na bo. Birashoboka ko ata n’umwe muri bo yari bwashikane imyaka 20, ari na yo yasabwa kugira ngo umuntu aje mu ngabo za Isirayeli. (Guharūra 1:3; 1 Samweli 17:13) Uko biri kwose, Dawidi yari akiri muto cane igihe Yehova yamutora. Yamara, biboneka ko Dawidi yari amaze kuba umuntu akunda cane Imana. Biboneka ko yari afitaniye ubucuti somambike na Yehova, ubwo yatsimbataje mu kuzirikana ku vyo yari azi ku bimwerekeye.

Muri iki gihe, urwaruka rurakwiye kuremeshwa kumwigana. Bavyeyi, mwoba none muriko muraremesha abana banyu kuzirikana ku vy’Imana, kubona agaciro k’ivyo Imana yaremye no kwiga ivyo Bibiliya ivuga ku Muremyi? (Gusubira mu vyagezwe 6:4-9) Namwe rwaruka, mwoba muriko murabigira ku giti canyu? Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya nk’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! * bigenewe kubibafashamwo.

Yari umuhinga mu kuvuza inanga

Cokimwe n’amajambo y’amazaburi menshi ya Dawidi, umuziki yatunganije na wo nyene uraturonsa amakuru ku bijanye n’igihe yari umwungere. Ni ivy’ukuri yuko ata n’umwe mu miziki yakoreshwa kera mu kuririmba izo ndirimbo nyeranda ukiriho. Ariko turazi yuko uwazitunganije yari umucuraranzi karuhariwe. Nakare, icatumye Dawidi atumwako ngo ave iyo ari kuragira ngo aze gukorera Umwami Sauli ni uko yari umuhinga mu kuvuza inanga.​—1 Samweli 16:18-23. *

None ivyo Dawidi yavyize ryari kandi avyigira hehe? Ashobora kuba yavyigiye mu gahinga ari kuragira intama. Kandi nta gukekeranya yuko n’ico gihe yari akiri muto, yaririmbira Imana amashemezo avuye ku mutima. Nakare, icatumye Yehova amutora akamushinga amabanga si uko none yari umuntu akunda Imana kandi ayiyobokera?

Ingene Dawidi vyahavuye bimugendera mu nyuma, emwe, ni inkuru ndende. Mugabo agatima kamuranze mu buzima bwiwe bwose tukabonera mu majambo ashobora kuba ahuye n’ivyo yiyumviriye akiri muto igihe yaba ari mu mirima yari irya n’ino ya Betelehemu. Sa n’uwubona Dawidi ariko aririmbira Yehova ati: “Nibutse imisi ya kera; nazirikanye igikorwa cawe cose; nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze.” (Zaburi 143:5) Igishika kirangwa muri iyo zaburi no mu yandi mazaburi menshi Dawidi yatunganije ni icigwa kuri abo bose bipfuza kuba abahimbara umutima wa Yehova.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 9 Idubu isa n’inginagina yo muri Siriya, iyigeze kuba iboneka muri Palestina, yapima nk’ibilo 140 kandi yarashobora kwicisha ibiganza vyayo bikomeye. Intambwe zari zigwiriye muri ako karere. Muri Yesaya 31:4 havuga yuko mbere n’“igitigiri cuzuye c’abungere” batashobora gutesha “intambwe y’umukangara y’umugāra” ico yacakiye.

^ ing. 20 Bisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 22 Wa muhanuzi w’umwami yarata Dawidi yavuze kandi ati: “Ni umuntu avugana ubwenge, akaba n’umugabo aremye neza, kandi Yehova ari kumwe na we.”​—1 Samweli 16:18.